Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishavu riraniga ku miryango y’abari muri ya ndege ya maleziya yaburwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ishavu riraniga ku miryango y’abari muri ya ndege ya maleziya yaburwa (...)

Ishavu riraniga ku miryango y’abari muri ya ndege ya maleziya yaburwa irengero

lundi 31 Ntwarante 2014

Abashinwa, bamwe mu miryango y’abari muri ya ndege MH370 basaba umuco ku vyoba vyarashikiye iyo ndege.

Abo bantu bo mu miryango y’abari muri iyo ndege, bari bitwaje ivyapa vyanditseko ugusaba ibimenyetso bigaragaza ukuri ku coba carashikiye iyo ndege yo muri Maleziya. Abo bashinwa kandi bipfuza ko Reta ya Maleziya yosaba imbabazi kuvyo yari yatangaje, yemeza ko iyo ndege yaguye mw’ibahari Indiyano, ariko bakaba ata bisigarira vyayo baratora. Ikindi kandi kitabanezereje, n’uko Reta ya Maleziya yatevye gutanga amakuru kuri iyo ndege.

Mwomenya ko kuva aho indege MH370 babuze irengero ryayo, banyene ishirahamwe ry’iyo ndege Malaysia Airlines, hamwe n’abategetsi b’igihugu batanga amakuru ahushanye. Itangazo rya nyuma ryasohowe n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, ku munsi wa gatandatu, uwo mushikiranganji yaremeye gukurikiranira hagufi abo boba bararokotse muri iryo sanganya ryabaye haraheze indwi zitatu.
Haraheze iminsi itanu umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Maleziya ahebuje incuti z’abari muri iyo ndege ko atacizere na kimwe kihari c’uko botora umuntu akiri muzima ,ariko ivyo akaba yabimenyesheje ata kintu na kimwe afatiyeko cerekana ivyo yari ahejeje gushikiriza, kuko atavyemezo yari afise.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.