Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe MSF rirakuye akarenge muri Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe MSF rirakuye akarenge muri Somaliya

Ishirahamwe MSF rirakuye akarenge muri Somaliya

mercredi 14 Myandagaro 2013

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF ryamenyesheje ko rikuye akarenge mu gihugu ca Somaliya. Rikaba ryavuzeko rivuye muri ico gihugu ku mvo z’umutekano. Ishirahamwe MSF rikaba ryari rimaze imyaka 22 rikorera muri Somaliya.

MSF ryatangaje icese ko rikuye akarenge mu gihugu ca Somaliya. Ibikorwa ryahora rikora murico gihugu kuva mu 1991 rirabihagaritse kuva igenekerezo rya 14 Myandagaro. Iryo shirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MFS, ryavuzeko imvo zitumye rikura akarenge muri ico gihugu ari kubera umutekano ukomeza usubira inyuma na cane cane ku bakozi b’iryo shirahamwe mpuzamakungu.

“Uguterwa n’ukunyuruzwa kw’abakozi bacu bikorwa n’imirwi irwana, hamwe n’inzego z’umutekano zitagishoboye gucungera umutekano w’abakozi bacu, ni bimwe mubitumye dufata iyi ngingo” , MSF ikaba ari bimwe muvyo yasohoye mw’itangazo ryayo. Ibikoresho nka za rusehabaniha zaraturiwe ndetse n’inyubakwa zitarinke z’iryo sshirahamwe. Haharurwa abakozi bagera kuri 14 ba MSF bamaze kwicirwa muri ico gihugu hatavuzwe abamaze kunyuruzwa.

MSF rikaba ari rimwe mu mashirahamwe mpuzamakungu make yarasigaye akorera muri ico gihugu ca Somaliya. Somaliya


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.