Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi

Ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi

lundi 11 Munyonyo 2013

Mu ntumbero yo kurwiza umwimbu w’icayi, ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje umugambi mushasha wo kuzana mu Burundi ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi. Ubwo bwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi caje kiva mu gihugu ca Kenya kizofasha kuronka umwimbu urengeye kure uwahora uboneka.

Bayaganakandi Epitace, arongoye ishirahamwe PROTHEM amenyesha ko agereranije n’umwimbu abarimyi b’icayi bahora baronka, inyungu iraboneka. Ku hegitari imwe gusa hahora hava itoni zitanu, ubu zigiye kuduga zishike ku toni 30. Nk’uko yabandanije abisigura, icamutumye yiyumvira kuzana ubwo bwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi ari ukubona ata bushakashatsi bukwiye bukorwa kugira barondere ibishasha.
Intumbero y’ishirahamwe PROTHEM rero ni ukurondera ukuntu umunyagihugu w’umurimyi yotezwa imbere mu kurondera ibiterwa vy’agaciro. Bayaganakandi Epitace, umuyobozi wa PROTHEM amenyesha ko ibibanza ubwo bwoko bw’icayi buzorwirizwamwo bwamaze gutegurwa nko mu Kigarama, komine Ndava, komine Ryansoro (Gitega), i Matana, i Songa, mu Rutovu (Bururi) hamwe no mu ntara ya Mwaro.

Mw’ishirahamwe PROTHEM bamenyesha ko intambwe ikurikira azoba ari ugushigikira abo barimyi mu kubaronsa ingurane zobafasha kurangura imigambi yabo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.