IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe "Twizere" ryarahaye imfashanyo abanyagihugu bo mu (...)

Ishirahamwe "Twizere" ryarahaye imfashanyo abanyagihugu bo mu Gatunguru

lundi 1er Nyakanga 2014

Abarundi baba muri Suède bari mw’ishirahamwe "Twizere" baratanze imfashanyo, kuri uwu wa gatanu, yari igizwe n’ibiro 600 vy’umuceri n’ibiro 600 vy’ibiharage, vyatwaye amafaranga yababa imiriyoni zibiri z’amarundi, ku miryango 60 y’abanyagihugu bacitse kw’icumu mu mvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu mu Gatunguru.

Umwe mu baserukiye iryo shirahamwe "Twizere" ry’abarundi baba mu gihugu ca Suède, Nahishakiye Iteka Cynthia, akaba yarashimiye cane ishirahamwe Croix Rouge ryabafashije gutunganya ico gikorwa. Cynthia akaba yatumenyesheje ko iryo shirahamwe "Twizere" ry’abarundi baba mu gihugu ca Suède ryatanguye igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha, akaba ariho batanguye gutanga imfashanyo mu barundi bahuye n’ivyago. Iryo shirahamwe rikaba ririmwo abarundi, rigashigikirwa n’abanyamahanga bakunda Uburundi. Nahishakiye Iteka Cynthia akavuga ko icatumye baza gufasha abo banyagihugu ari umutima w’urukundo bafitiye Uburundi n’abarundi bene wabo, kandi ko igishikiye abarundi nabo nyene kiba kibashikiye.

JPEG - 120.7 ko
Nahishakiye Iteka Cynthia

Ndayahundwa Pascasie, yaserukiye abahawe imfashanyo, yarashimye cane ico gikorwa ciza bakoze co kwiyumvira kuza gafasha impfuvyi, abapfakazi n’imiryango ikenye yahuye n’iyo mpanuka, akaba yabasavye kubandanya babafata mu mugongo.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.