Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isuku ni isoko ry’ubuzima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku ni isoko ry’ubuzima

Isuku ni isoko ry’ubuzima

samedi 12 Nzero 2013

Mu buzima bwacu bwa minsi yose hariho ibintu bikuru bituma umuntu arushiriza kugira ubuzima bwiza; muri ivyo twovuga isuku kuko incabwenge zabiravye neza zivuga ko isuku ari isoko ry’ubuzima bwiza. Nico gituma umuntu wese ategerezwa kuryitaho kugirango ubuzima bwiwe burushirize kugenda neza.

Isuku rero burya ntiritangurira kure, ahubwo ritangurira kuri wewe ubwawe.
Ibi bisigura ko umuntu aba akwiye kwitaho isuku ry’umubiri wiwe ; ntimube nka bamwe usanga boga nka rimwe mu ndwi canke bakanarenza mbere igihe co kwoga bakagifata nk’uko ari umunsi mukuru kuribo.

Hariho rero n’abandi usanga ubabonye mu mabarabara ubona bambaye neza baberewe mugabo no kwoga bakaba boga atakibazo mbere ku mubiri wabo ari beza.
Ariko ugeze aho baryama ugasanga hari umwanda urenze, ukibaza nimba uwo muntu ubona asa gutyo ariwe arara aho hantu.

Uravye rero isuku riri mu bintu bishobora gutuma ababana batumvikana, hari nk’aho uja ugasanga ibintu vyose atanakimwe kiri ku murongo ugasanga amasahani n’amasafuriya mu ntebe ugasanga kandi ibintu vyose bisanzaye mu nzu ukibaza nimba urwo rugo rubamwo umukenyezi, ntubitahure.

Aho rero niho usanga mu rugo hama induru atakwumvikana kubera isuku rike ry’umwe mubabana.

Hari n’abo usanga isuku ryo mu rugo barirekera abakozi gusa. Nimba rero abakozi barikora; vyoshoboka ko no mu cumba cawe baza kurigukorera?

Abantu bobo ubwabo nibamara kwigenzura ku kibazo c’isuku hazoba hasigaye inzego zijejwe gukurikirana ico gikorwa kugirango zikebure abantu bamwe usanga batavyitaho . Hari nk’uburiro ( restaurant) bumwe bumwe usanga bufise isuku rike ukibaza nimba abakozi baho bajejwe isuku bakora neza igikorwa cabo.

Aha rero nimuze twese duhagurukire rimwe twiteho isuku maze bitume tugira ubuzima bwiza kandi bizoduteza imbere kuko n’ umutima mwiza ukorera mu buzima bwiza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.