Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyunyunyu n’ingaburo bifise akamaro akahe mu mubiri? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ivyunyunyu n’ingaburo bifise akamaro akahe mu mubiri?

Ivyunyunyu n’ingaburo bifise akamaro akahe mu mubiri?

mardi 13 Myandagaro 2013

N’aho hamaze gukorwa ubushakashatsi butari buke bwerekana akamaro k’amavitamine n’ivyunyu mu mibiri, abenshi ntibaratahura akamaro kavyo ku magara ya kiremwa muntu. Ubwo bushakashatsi bwakozwe burerekana ko imfungurwa n’ibinyobwa vyonyene bidakwiye kugira umubiri uronke amavitamine n’ivyunyu ukeneye.

Muti none ivyo vyunyunyu ni nk’ibihe, ni ryari babifata, bifise akamaro n’ingaruka izihe? Abatari bake kw’isi yose na hano mu Burundi, ivyo bibazo bijanye n’ivyunyunyu, bise mu gifaransa « Suppléments », babandanya kuvyibaza.
Ivyunyunyu biza vyongereza inguvu umubiri, aho imfungurwa umuntu aba yafashe zitashoboye gukora. Umubiri kugira ukore neza, ukenera inguvu nyinshi. Ingorane zibonekeza, abenshi bafungura kugira bafungure gusa bakibagira ko umubiri uvuga, muri ukwo kuvuga kwayo nakwo, hari ivyo usaba kugira ukore neza.

Ikinyamakuru IGIHE caraganiriye na bamwe mu bahinga mu bijanye no gufungura neza ba hano mu Burundi, abo nabo bakaba baratwiganiriye ukungene umuntu ashobora gufungura neza atarinze gusesagura, bongera baragira ico bavuze ku bijanye n’ayo ma suppléments yo gufungura, arivyo vyunyunyu n’ingaburo umubiri ukeneye kugira ukore neza.

Kubwa Ntawuyamara Aimé Clovis, umwe mu basanzwe badandaza ayo ma suppléments y’ingaburo ya Dina pharma iri hano mu gisagara ca Bujumbura, akaba yarananonosoye ibijanye no gufungura, ivyunyunyu n’ingaburo, ni ngirakamaro ku magara yacu, umuntu wese atategerezwa kwirengangiza gufata. « Indya zonyene ntizikwiye kugira umubiri uronke ivyunyunyu n’ingaburo uba ukeneye, ariko abantu bakwiye kwongereza gufata ayo masuplement ».

Akarorero, ku bantu usanga bakarirwa n’ibizunguzungu, usanga biba bivuye ku mvo zitandukanye, akenshi mbere haba habaye ubukene bw’ivyunyunyu mu mubiri. Baca babahanura gufungura ibimuzanira ivyo vyunyunyu aba abuze mu mubiri. Ivyo binini vy’ivyunyunyu ntibikora kumwe nk’imiti n’aho womenga ni umuti. Bikora co kimwe nk’imfungurwa. Ku bwiwe, abantu bari bakwiye gufata igihe cose ivyo vyunyunyu, ivyo bakabikora imbere y’uko ibimenyetso vyerekana ko abuze ivyunyunyu.

Kuboba bibaza naho ko vyoba biciye kubiri n’amategeko, Athanase Ntiyanogeye, umuhinga mu bijanye no gufungura yaremeje ko mu bushakashatsi bwakozwe mu bushikiranganji buraba ivy’amagara y’abantu, basanze ivyo binini vy’ivyunyunyu ata ngaruka mbi bifise ku magara y’abantu, ahubwo ko ari vya nkenerwa kubifata. Abantu bashobora kubifata igihe cose mugabo bakirinda gufata ivyoba vyarataye igihe.

JPEG - 63 ko
Athanase Ntiyanogeye, umuhinga mu bijanye no gufungura

Ntiyanogeye yabandanjije avuga ko abantu bakwiye gufungura cane imboga n’ivyamwa kuko arizo mfungura zifise ivyunyunyu vyinshi. Izo nazo zikaba atawe zigenewe, yaba umukuru, yaba umuto, bose ari ngombwa kuzifata.

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekanye ko bimwe mu bituma abantu batitaho gufata ivyo vyunyunyu hariho ukutamenya ko bibaho no kutitaho kubimenya. Ntawuyamara Aimé Clovis yanonosoye ibijanye n’ugufungura ati : « Ubukene bw’ivyunyunyu mu mubiri bufise ingaruka mbi ku magara ya kiremwa muntu wese, kuko hashobora kwadukiramwo indwara n’ibindi ». Aho twovuga nko kuvungagurika kw’imishatsi, kubura itiro, gukangagurika, kubura akayabagu, kugira ibizunguzungu, n’ibindi.

Kubwiwe, inyuma yo gufungura, ni vyankenewa kwongereza ibifise ivyunyunyu, nka vitamine C, B, n’izindi ngaburo zitandukanye. Ivyo navyo tukaba tubisanga ahanini mu vyamwa. Izindi mfungurwa zose umuntu yoshobora kuzirengangiza canke akagabanya kuzifata, ariko imboga n’ivyamwa hamwe no kunywa amazi, ni akadasubirizwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.