Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyindi miryango yugarije ahakorera umuhuza w’abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Iyindi miryango yugarije ahakorera umuhuza w’abarundi

Iyindi miryango yugarije ahakorera umuhuza w’abarundi

vendredi 1er Myandagaro 2014

Ahari ibiro vy’umuhuza w’abarundi hugarijwe n’iyindi miryango y’abanyagihugu, bavuga ko bomowe n’inzara, bagasaba Mohamed Rukara ko yobagira nk’abandi,mu gihe hari abari bahamaze iminsi bahawe imfashanyo y’umuceri.

Abo banyagigihugu bakavuga ko, ari abo muri komine ya Buterere, bavuga ko bakuwe mu mahema barimwo, babariwe ko bazohabwa imfashanyo. Bavuga ko amezi atatu ariko arahera ataco bahawe, mu gihe inzara nayo ibarembeje. Abayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bavuze ko bahamaze iyinga irenga, kandi basaba nabo guhabwa imfashanyo nk’iyahawe abandi bari bahamaze iminsi, bavuga ko bahuye n’ivyago vy’imvura yahitanye ibintu mu Gatunguru.

Bavuga ko ivyo bari baremerewe bobihabwa, muri ivyo hakaba harimwo umutahe wo kudandaza, ibikoresho vyo kurarako, ivyombo vyo gukoresha mu mihana iwabo, hamwe n’ivyo gufungura. Bavuga ko batariko barava aho ku muhuza w’abarundi ikibazo cabo kidatorewe inyishu.

Abo banyagihugu bagizwe n’abana, abagabo, abagore hamwe n’abageze mu zabukuru, bakaba baryama ku bisigarira vy’ibikarato bitekerwamwo impuzu n’amasabuni. Bavuga ko abana bato baja bamaze kugwaragurika, aho inzoka zo mu nda n’inkorora ari vyo bibabangamiye. Mwomenya ko mu biro vy’umuhuza batumenyesheje ko ikibazo c’abo bantu batarakimenya kuko abahahora, baja baratahanywe mu mihana iwabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.