Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyindi nama ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bitabonetsemwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Iyindi nama ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bitabonetsemwo

Iyindi nama ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bitabonetsemwo

lundi 28 Gitugutu 2013

Hatunganijwe inama kuri uwu wa mbere, mu gisagara ca Kigali yahuje abakuru b’ibihugu bine Rwanda, Kenya, Soudan na Ouganda vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Muri iyo nama itabonetsemwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, vyari bitegekanijwe ko biga imigambi ihuza ivyo bihugu uko ari bine.

Nk’uko tubikesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, uguhura kw’abo bakuru b’ibihugu kugamije kurabira hamwe aho ibikorwa vy’iterambere biyemeje mu nama ziheruka kubahuza bigeze mw’ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa bumvikanye.

Intumbero y’iyo nama ni ukwihutisha iterambere ry’akarere ka Afrika y’ubuseruko, biciye mu bikorwa shingiro nk’ubudandaji, politike n’ugufashanya muvy’ubudandaji.

JPEG - 48.4 ko
Uhereye i bubamfu : umukuru w’igihugu ca Sudani y’amaja epfo, Salva Kiirz, Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda, Paul Kagame w’Urwanda na Uhuru Kenyatta wa Kenya bari mu nama i Kigali

Iyo nama yaje ikurikira iyindi yabereye i Kampala mu kwezi kwa Ruheshi, uwu mwaka, aho abakuru b’ibihugu vy’u Rwanda, Kenya na Uganda, bahuye kugira ngo habeho ishirwa mu ngiro ry’imigambi minini y’ibikorwa shingiro.

Muri iyo nama, igihugu ca Tanzaniya cakomeje gutungwa agatoke ko gikwega ibirenge mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yumvikanweko n’ibihugu bigize umuryango. Ico gihugu, n’Uburundi burimwo vyagirizwa kutitaba izo nama. Ivyo vyavuzwe gutyo mu gihe ku ruhande rw’Uburundi na Tanzaniya bagiriza ibindi bihugu biri mu muryango kuba bibakumira, mbere Uburundi bukaba buheruka gusohora urwandiko, biciye kuri Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, bumenyesha ko butazokwemera ibizofatirwa mu nama z’umuryango butaba bwatumiwemwo. Aho twoca twibaza namba n’ubu Uburundi bwoba bwasubiriye kudatumirwa, canke bwatumiwe ntibwitabe.

Iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere yahuriranye n’iyindi yatanguye i Bujumbura yuguruwe n’umukuru w’igihugu kuri uwu wa mbere nyene, inama yo kurabira hamwe aho ivyo abafasha Uburundi biyemeje i Geneve bigeze. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoba yaretse kwitaba iyo nama yabereye mu Rwanda kuko ariwe yuguruye iyo yabereye i Bujumbura kuri uwu munsi nyene? Canke yoba atatumiwe?

Mu kurindira umuco uzova mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.Twobamenyesha ko muri iyo nama, Salva Kiir, umukuru w’igihugu ca Sudani y’amaja epfo nawe yipfuza kwinjira mu muryango yari yatumiwe nk’umurorerezi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Bati "ntawubaza ikintu umuntu azi nka mwarimu", iyi nama ya Kagame-Museveni, Kikwete na Nkurunziza barakabona batayitavye. Ku bwanje, na Uhuru ashobora kuba yingingwa kugire yitaba izo nama zateguwe n’izo nkozizikibi Museveni na Kagame. Dusubiye muri nankana, nta kintu d’important bafise bavugana n’abo batama politique yabo ishaje, encore moins Nkurunziza na Kikwete. Mbe hoho ko nos journalistes badakunze kuvuga ukuntu Kagame a ete humilie a Oxford /Engleterre n’i Toronto/Canada? Je nibaza ko Pierre Nkurunziza ari suffisamment occupe n’ibindi bikomeye biraba u Burundi na beneco. Bisigura ko ata mwanya wo guta afise canke gusamazwa n’abipfuza guharanira des interets mal acquis. Quant a Salva Kiir du Sud-Souda, birumvikana we ko yitavye kaburorerezi.

  • Wewe wiyise colddman’zi, reka ndakubwire ko commentaire yawe yuzuye amaranga mutima gusa. Ica mbere nashaka kukubwira ko wibeshe kuko kikwete ni umutama gusumba Kagame, naho kuvya politique amaso araguha, kagame afise politique ijanye n’igihe tugezemwo, raba igihugu c’ u Rwanda nta butunzi buhambaye gifise ariko kiguma gitera imbere!! Naho kuvuga ngo nos journaliste ntibavuga ukuntu Kagame yabaye humilié, qu’est ce que ça va leur apporter? d’ailleur qui sont ces gents qui l’ont humilié, quel pouvoir ont ils pour humilié un president??? Au fait, bataye umwanya wabo, kuko ntivyabujije Kagame kwitabira ibirori nkuko vyari biteganijwe erega les chiens aboient et ça n’empeche pas la caravane de continuer son chemin. Kuki utigeze uvuga ko hari abamwakiriye besnhi cane, kandi biyubashe batambaye ubusa. Naho ivya EAC, sobanuza umenye, ubisobanukigwe, bose ni abagabo bayoboye ibihugu ntawuhatwa kuko nta mwana arimwo!

  • Wewe muvandimwe Coldman’Zi, va i buzimu uje i buntu, Kagame iyo aza kuba nkuko wewe uvyiyumvira, ntaba arikiho nk’umutegetsi w’u Rwanda. Ikindi nokumenyesha n’uko Kagame akorera Abanyagihugu n’Igihugu ciwe kurusha uko wewe ubibona. Barya ubona birirwa bavuza induru muri Angleterre na Canada nahandi, twebwe turafise ububasha ntangere bwo kubagira Umugani canke agacamugani, kandi ababiri inyuma turabazi, mugabo babukaranze turi munsi y’Urujo, kandi baravuga ngo Akabigira kabizi kadrya imboga karitse. Icyo utazi ni Kagame n’Abambari biwe . Twebwe dushize imbere kwigira no kwishira tukizana, kandi birashoboka vyaranagaragaye. Abarundi ni soma mbike kuri twebwe, Tanzaniya ni Abavandimwe nubwo ngo nta zibana zidakomanya Amahembe. Icyo no kuburira ni ugutandukanya u Rwanda rwo hambere n’urw’ubu, biratandukanye caaane. Uzobibaze Abafaransa, Ababirigi n’Abanyamerica, bazogucira ku mayange, hanyuma wewe rero ntuzogwe m’Uruzi urwita Ikiziba. Port International ya Mombassa tumaze kuyishira mu Biganza vyacu, wewe ukirimwo kuvuga Angleterre na Canada. Umuyoboro wa Mazutu uva Kenya ugaca Uganda werekeza iwabo w’Imana mu Rwanda twamaze kuwurambikaho Ibiganza, wewe ukiri mu vya Angleterre na Canada. Sudani y’Amaj’epfo ubu iri mu maboko y’Abana b’Imana b’Abanyarwanda, naho wewe urimwo kwiruka mu mirombero yo muri Angleterre na Canada! Hari n’ivyo ntorondora ngo mbiheze, wewe ukiri mu mwijima.

  • Wewe wiyise coldman,ZiUbwo ibyo uvuga wohagarara hariya ukabisobanura? Ngo ntakintu bafise bavuga? wewe ntaco integration régionale ikubarira? Uravugango politique ishaje, ahubwo niwowe ushaje mubitekerezo naho woba ufise imyaka mikeyi. reka rero amarangamutima yawe. Naho ibyo kuvuga humiliation, abarundi baravuga ngo amaso y,ibikere ntabuza abavomyi kuvoma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.