Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacques Bigirimana yatowe guserukira FNL mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana yatowe guserukira FNL mu matora y’umukuru w’igihugu

Jacques Bigirimana yatowe guserukira FNL mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 4 Rusama 2015

Jacques Bigirimana niwe yatowe kugira azoserukira umugambwe FNL mu matora yimirije mu Burundi.

Mu nama rukokoma yatunganijwe n’uyo mugambwe, Jacques Bigirimana niwe yaciye agenwa mu kuzoserukira umugambwe FNL mu matora y’umukuru w’igihugu. Mw’ijambo ryiwe, Jacques Bigirimana yashimiye abanwanyi b’umugambwe arongoye FNL bari bahejje kumwizera mu kumushira imbere, mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora. Iyo ndongozi y’umugambwe FNL yahamagariye abarundi kubandanya baharanira amahoro, kugira matora aze abe mu mahoro. Arongera akanamenyesha ko uwo mugambwe naho utahamagariye abanwanyi bawo mu myiyerekano, badashigikiye na gato ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, ari naco gituma bagiye hamwe n’abitura Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro, kugira badadanure ivyerekeranye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Uwo mukuru w’umugambwe wa FNL akongera agashima ijambo ryavuzwe n’Umushikiranganji wo kwivuna abansi, aho nawe yasavye abanyeporitike kubahiriza ibwirizwa shingiro ndetse n’amasezerano y’i Arusha.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.