Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
José Mourinho asaba Wayne Rooney guhitamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > José Mourinho asaba Wayne Rooney guhitamwo

José Mourinho asaba Wayne Rooney guhitamwo

mardi 27 Myandagaro 2013

Umumenyereza w’umurwi wa Chelsea, José Mourinho, arasaba Wayne Rooney, umukinyi w’umusatirizi wa Manchester United kumenyesha nimba ashaka kuja muri Chelsea. Ivyo uwo mu menyereza akaba yabivuze inyuma y’urukino rwaraye ruhuje Chelsea na Manchester United.

JPEG - 23.8 ko
José Mourinho (ibubamfu), Wayne Rooney(iburyo)

Inyuma y’ukwigenza neza cane kwa Wayne Rooney mu rukino rwaraye ruhuje Manchester United na Chelsae, José Mourinho yavuzeko uwo musatirizi yakinye neza cane muri urwo rukino rwaheze ari ubusa kubundi. Umumenyereza wa Chelsae, Mourinho ati: “Rooney yakinye neza cane. Yerekanye ugushaka gutsinda naho bitashobotse. Vyari igitangaza ukuntu yakinye”. Ivyo ndetse bikaba vyanagaragariye ku kuntu abarorerezi bari buzuye ikibuga ca Old Trafford bamukomeye amashi menshi cane.

JPEG - 96.5 ko
David Moyes kumwe na Wayne Rooney

Ukwo Mourinho atera amashurwe cane uwo musatirizi Rooney ni nako amusaba guhitwamwo ukuja mu murwi wa Chelsae nkuko abakuru ba Chelsae bamaze kubimusaba, kibure kuguma mu murwi arimwo. Umurwi wa Manchester United wo kugeza ubu ntushaka kurekura Wayne Rooney naho we ashaka kuwuvamwo. N’ikimenya menya, David Moyes, umumenyereza wa Manchester, agira ati: “Ukuntu Rooney akinana neza n’ ishaka ryinshi vyerekana ugushaka kwiwe kwo kuguma muri Manchester”. Ivyo rero bikaba vyatumye Mourinho nawe agira ati: “Niba ashaka guhindura umurwi niyishure we vyega. Ashaka kuguma muri Manchester nahonyene abivuge”(Aho bakaba bavuga umusatirizi Wayne Rooney).

JPEG - 7.1 ko
Wayne Rooney

Ubu rero aho bigeze, hitezweko uwo mukinyi w’umusatirizi wa Manchester United, Wayne Rooney, avuga ikiri ku mutima kuvyerekeye ukuva canke ukuguma muri uwo murwi arimwo ubu. Mu Bwongereza hakaba hitezwe n’igishika cinshi ingingo uwo mu kinyi w’umupira w’amaguru ari hafi yo gufata.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.