Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karaoke ni ngirakamaro ku bunywero bwinshi bw’i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Karaoke ni ngirakamaro ku bunywero bwinshi bw’i Bujumbura

Karaoke ni ngirakamaro ku bunywero bwinshi bw’i Bujumbura

lundi 6 Rusama 2013

Mu nyuma yaho amasaha ya Karaoke agabanuriwe, twaragendeye ubunwero karaoke zahora ziberamwo kugira birabire ingene ubu bvyifatamwo ku masaha make barekuriwe.

JPEG - 936.7 ko

Ubunywero twashoboye kugendera ni ahitwa “Bar Hout Plame du lac Tanganyika” bakunda gutazira “Ku mase” hamwe muhahora hahurira abantu benshi baje bava mu mihingo itandukanye, baje kwiryohera mu migoroba no mu mpera y’indwi.

Nk’uko nyene ubwo bunywero yabitubwiye, mbere n’uko natwe twabibonye, ubu basigaye batangura kare kw’isaha y’icumi z’umugoroba kuko mw’ijoro baca bugara.

Yabandanije avuga ko kuba ubwo bunywero buri hafi y’ikiyaga ca Tanganyika haboneka ibintu vyose, atarivyo vyonyene bimwongereza abakiriya kuko ku bwiwe abona abenshi bakurikirana umuziki mwiza uba uhavugirizwa, intambo zitandukanye haba abasore n’abakobwa n’bindi vyinshi vyo kumara abakiriya irungu.

JPEG - 34.6 ko

Nk’uko n’amakuru ava hirya no hino ahabera ama karaoke avuga, nta cahindutse muri rusangi kuko aritabirwa nk’íbisanzwe ahubwo babona vyose ntacahindutse cane.
Kubwo abitabira ico gikorwa, bo bavuga ko babona ko bitababaje cane kuko vyabahaye akaryo ko kuza barajana n’abana babo kuko ubwa mbere batinya ko amasaha yo guheraheza atemera ko abana baba batarasinzira kandi naho gusiga ibirori bitarahera bikabagora.

JPEG - 926.2 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.