IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Isoko nshasha izotangura gukora ku munsi wa kabiri

Kayanza : Isoko nshasha izotangura gukora ku munsi wa kabiri

dimanche 15 Ruheshi 2014

Isoko nshasha yo ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza izoba yatanguye gukora guhera ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi umwaka w’2014.

Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 14 Ruheshi, musitanteri wa komine Kayanza yamenyesheje ko isoko nshasha yo ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza izoba yatanguye gukora kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi .

Ibintu bitatu nivyo bazofatirwako mu gutanga ibibanza. Ubwa mbere abadandaza batanze intererano y’ibice 5 kw’ijana vyari vyasabwe n’ishirahamwe PTPCE muri komine, abadandaza bari bakwijije ivyangombwa na komine ku vyerekeye amatagisi , irya nyuma akaba ari abadadandaza babisavye.

Kugira rero abadandaza baburiye ivyabo muri ya soko y’imfatakibanza iheruka gusha kubandaniriza ibikorwa vyabo muri iryo soko rishasha riheruka gusha, musitanteri wa komine Kayanza amenyesha ko habaye amasezerano hagati ya komine hamwe n’ibanki y’isi yose.

Muri ayo masezerano, komine Kayanza ntizotoza amatagisi kubadandaza mu kiringo c’amezi atandatu .Muri ico gihe ibanki y’isi yose izoca ibubakira utuzu two kudandarizamwo dukozwe mu vyuma. Isoko ikazoronka ya modoka izimya umuriro aho ndetse muri iryo soko bamaze guca inzira iyo modok izoza iracamwo.

Tubibutse ko ngaho mu ntara yaKayanza, haheze indwi zibiri isoko y’imfatakibanza yaho ihiye igatokombera, abadandaza akaba atana kimwe bashoboye kwokora.


KARIRE Floxella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.