Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kazoza k’abana kava ku mwumvikano w’abavyeyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Kazoza k’abana kava ku mwumvikano w’abavyeyi

Kazoza k’abana kava ku mwumvikano w’abavyeyi

samedi 26 Gitugutu 2013

Abavyeyi babanye barabana ay’ingwe bashira mu ngorane abana babo. Inyifato zimwe zimwe z’abana nk’ubukubaganyi, ubusambanyi ziva ku ngorane baba barabayemwo mu miryango yabo. Umwana yakuze abona umuvyeyi wiwe akubitwa yamana igikomere kimutuma bimugora guha agaciro uwo bubakanye.

Iterambere ry’umwana riva ahanini kury’abavyeyi biwe n’iry’ikibano yakuriyemwo. Abavyeyi benshi baribagira ko abana, n’aho boba ari bato, bafise ubushobozi bwo kuraba, kandi bagatahura ibibera mu miryango yabo. Ibishikira umwana mu muryango, yaba muto canke mukuru, ingaruka zitegerezwa kwiyerekana mu kibano ciwe. Ibikorwa n’abavyeyi biwe abigaragariza aho aba ari, biciye mu nyifato ziwe.

Ku mwana akiri muto, mw’ishure ntakurikira, iyo bagenzi we bariko barakina, we yama yigunze, adakeye mu maso. Iyo afashwe mw’ikosa naho, atangura kurira atanico baramubaza, ivyo bikerekana ko umutima uba waramuvuyemwo. Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko n’iyo bishitse naho akaja gukina n’abandi bana, arabakubita, ntakunde ko bakina batekanye. Mw’ishure ntiyigera atekana kuko mw’ijoro ataba yasinziriye kubw’induru abavyeyi biwe bamamwo. Amagara yiwe ashobora kuhasinzikarira kuko umwana aruhukira ahanini mw’itiro.

Ku mwana akuze, iyo ari umwigeme, akama abona se akubita nyina, yandurukamwo ingeso y’ubushurashuzi, kuko ntaheza ashobora guha agaciro umubiri wiwe. Awugereranya n’uwa nyina wiwe ukubitwa ubudasiba.

Iyo uwo mwana ari umuhungu naho, yimura ingeso za se mu muryango wiwe. Ntiyubaha umugore wiwe, kandi akabona ko inyishu y’ikibazo cose kibonetse mu rugo iwe ari ugukubita umugore, nk’uko yakuze abibona. Abo bana bakurira muri ubwo buzima nta rukundo baha abana bibarutse kuko nabo ubwabo bataba bararuhawe. Abana bibarutswe n’abo bavyeyi bahitamwo kuja kwibera mw’ibarabara kuko kubwabo ariho basanga amahoro kurusha mu miryango yabo.

N’aho biri uko, izo ngaruka ntizishikira abana bose co kimwe kuko hari abashobora kuvyihanganira. Ivyo ntibisobanura ko bataba bakozweko n’ivyo babayemwo, kuko impera n’imperuka bategerezwa kugaragaza ko bakuze badatekanye.

Umuhinga muvy’imibano, Médiatrice Nibaruta asaba abubakanye kwama bicara hamwe bagatora inyishu z’ibibazo bafise batabanje gutana mu mitwe. Ku bwiwe, imvugo ya kera ya "niko zubakwa" yarataye igihe. Abubakanye barengera ivyo badahurizako, bakumvikana ku neza y’abana baba baribarutse.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.