Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : abagera kuri 39 barabuzwe irengero ryabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : abagera kuri 39 barabuzwe irengero ryabo

Kenya : abagera kuri 39 barabuzwe irengero ryabo

mardi 1er Gitugutu 2013

Mu gihe haheze indwi irenga igitero co kuri Westgate mu gisagara ca Nairobi kibaye, abantu bagera kuri 39 nibo boba barabuzwe irengero ryabo kuva igitero kibaye. Ivyo bimenyeshwa n’ umuryango utabara imbabare Croix rouge wo mu gihugu ca Kenya. Ico giharuro kikaba cagabanutse kuko ubwa mbere bagera kuri 61.

Igitero cabaye ku wa gatandatu w’ indwi iheze kigahera ku musi wa kabiri cahitanye abantu barenga 60.

Igitigiri c’ababuzwe irengero ryabo ubwa mbere bari 61, ariko ibiziga vyabo vyaratowe. Hari abatari bari muri Westagate igihe batera boba baratowe bakiri bazima.

Abakora amatohoza bo mu gihugu ca Kenya hamwe n’ abanyamahanga bariko barafasha baguma baraba hose ko batotora ibiziga vy’abo bihevyi.

Ariko kurondera abo bapfuye biragoye cane kuko igice kimwe c’iyo nzu cabomotse mu gihe bariko bagerageza gutabara. Igice c’abo bihevyi bateye Westgate hamwe n’imbohe barashobora kuba bakiri musi y’ivyo bibomoka .

Ku muhingamo wo ku munsi w’ejo wa mbere ,igenekerezo rya 30 Nyakanga 2013, abashingamateka b’aba Kenya baragendeye ahabereye iryo bara. Abantu 8 bakekwako bari mu bagize igitero baramaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.