Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Al-Shabaab yagabishije gusubira gutera i Nairobi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Al-Shabaab yagabishije gusubira gutera i Nairobi

Kenya : Al-Shabaab yagabishije gusubira gutera i Nairobi

vendredi 23 Rusama 2014

Umwe mu bakuru b’abarwanyi ba Al-Shabaab, Fouad Mohamed Khalaf yamenyesheje ko biteguriye gusubira gutera i Nairobi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Inyuma y’igitero c’abarwanyi b’bihevyi ba AL Shabaab cakorewe ku nyubakwa y’ubudandaji "Westgate" i Nairobi ku genekerezo rya 21 Nyakanga 2013, umwe mu bakuru ba Al Shabaab, Fouad Mohamed Khalaf yavuze, abicishije ku muhora ngurukanabumenyi, ko n’ubu bashaka kuzosubira gutera i Nairobi, kuko ariho berekeje ibitero vyabo barwanyi bo mu murwi w’iterambwoba.

Yagabishije abanyagihugu bo muri Kenya ko bokwitegurira ibitero, vyaba ivy’uguturitsa ibisasu mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi, canke ingwano z’ibitero hagati y’abo bihevyi n’abajejwe umutekano.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.