Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ikibuga c’indege cugawe inyuma yo guterwa n’impanuka y’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ikibuga c’indege cugawe inyuma yo guterwa n’impanuka y’umuriro

Kenya : Ikibuga c’indege cugawe inyuma yo guterwa n’impanuka y’umuriro

mercredi 7 Myandagaro 2013

Ikibuga c’indege mpuzamakungu co mu gihugu ca Kenya, Jomo Kenyatta International Airport cugawe inyuma n’impanuka y’umuriro watumye inyubakwa zisha.

Amasanamu yabonetse ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter yerekanye umwotsi n’imiriro biduga hejuru y’imwe mu nyubakwa zikomeye kuri ico kibuga. Imana yarakinze nta muntu yahapfiriye kandi n’icayiteye ntikiramenyekana.
Umwe mu bayobozi bashinzwe ico kibuga yagize ati “Turemeza ko uwo muriro wagaragaye ku nzu imwe ingenzi z’abanyamahanga bavuye hanze y’igihugu zakirirwamwo n’ahaca ingenzi zigiye mu bindi bihugu.”

Mutea Iringo, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Leta yemeje ayo makuru avuga iyo mpanuka y’umuriro. Yavuze ati “Umuriro ukomeye wafashe inzu ya JKIA (Jomo Kenyatta International Aeroport). Twakoze ibishoboka vyose kugira dukemure ico kibazo bitarayangara.”

Amasanamu yerekanywe mu nyuma muri kano gatondo yerekanye ico kibuga cugaye, hariko hagendagenda imiduga ikora ibikorwa vyo gutabara gusa.

JPEG - 33.4 ko
Imwe mu nyubakabwa yariko irasha ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta International Aeroport

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.