Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umunyeshure umwe yitavye Imana abandi 150 barakomereka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umunyeshure umwe yitavye Imana abandi 150 barakomereka

Kenya : Umunyeshure umwe yitavye Imana abandi 150 barakomereka

lundi 13 Ndamukiza 2015, par Egide N

Inyuma y’indwi zibiri habaye igitero c’abihevyi cahitanye abanyeshure bagera kw’ijana na mirongo ine n’indwi kuri kaminuza y’i Garissa mu gihugu ca Kenya, imitima ntiratekana. Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’i Nairobi mu kigo Kikyu bagira nabo baratewe baca basimba bava mu magorofa.

Umunyeshure umwe yaritavye Imana kuri uwu w’Imana, abandi bagera kw’ijana na mirongo itanu barakomereka, bivuye ku kwikeka ko batewe n’abihevyi. Intango ya vyose ni urukamba rutwara umuyagankuba (câble électrique) rwaturitse, mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu. Abanyeshure bari bakiryamye biyumviriye ko batewe baca batangura gucanacanako bahunga, bamwe baca mu madirisha, basima bava mu magorofa, kugira banyage amagara.

Muri abo basimvye, benshi muribo bari bakinasinziriye, bakoroka bava mu magorofa yo hejuru, gushika kuya gatanu. Mu gusohoka mu buraro bariko baratabaza, abo banyeshure barasunikanye cane, barahonyoranako, ari naco catumye umwe muribo yitaba Imana, abandi bagera kw’ijana na mirongo itanu barakomereka.

Abajejwe umutekano baciye banyarukira guhumuriza abo banyeshure, imiduga ya rusehabaniha nayo ica itangura gutwara kwa muganga abakomeretse, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro Kenyatta.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.