Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umunyeshure yaguye mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kenya : Umunyeshure yaguye mu myiyerekano

Kenya : Umunyeshure yaguye mu myiyerekano

lundi 16 Kigarama 2013

Mu gihugu ca Kenya, umunyeshure umwe yararashwe n’abaporisi ku munsi w’ejo kuw’Imana, aca arahasiga ubuzima ku murwa mukuru Nairobi. Abo banyeshure bari mu myiyerekano kuri kaminuza.

Igiporisi cakoresheje amasasu nyayo mu gushwiragiza umurwi w’abanyeshure bari mu myiyerekano kubera mugenzi wabo yapfiriye mw’ibohero ry’abaporisi.
Uwo munyeshure yapfiriye mw’ibohero ry’igiporisi yari yapfunzwe yagirizwa kwiba ikibazo.

Mu giporisi bamenyesha ko uwo munyeshure yiyahuye, ariko abari mu myiyerekano ntibemera iyo mvugo, bakavuga ko uwo munyeshure ashobora kuba yarakubiswe gushika agacikana.

Abanyeshure bo kuri kaminuza ya Nairobi, baciye batera ibiro vy’igiporisi, bazibira amabarabara, bongera banamenagura imiduga.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.