Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
King Plata yasohoye amasanamu y’indirimbo ‘Gukunda’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > King Plata yasohoye amasanamu y’indirimbo ‘Gukunda’

King Plata yasohoye amasanamu y’indirimbo ‘Gukunda’

vendredi 13 Nyakanga 2013

Inyuma yo gushira ku mugaragaro urukurikirane rw’indirimbo ziwe, King Plata yashize ku mugaragaro amasanamu y’indirimbo Gukunda.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, King Plata avugako iyo ndirimbo yayiririmvye agomba gutanga ubutumwa ko, naho gukunda ari vyiza, ariko hari naho bishika bikababaza cane kuko haraho ukunda ntuce ukundwa canke uwukubwira ko agukunda akaba aguhenda.

Twokwibutsa ko uyo muririmvyi kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi uyu mwaka aherutse gushira urukurikirane rw’indirimbo yitwa ‘ Ndi umuntu nkawe , akaba arirwo rwiwe rwa mbere, akaba ariko abandanya akora amasanamu y’izi ndirimbo zakunzwe cane kuko agaruka cane kukwumvisha abantu ko ba nyamweru nabo ari abantu nk’abandi.

Ikindi mwomenya ni ukwo King Plata ariko aratera imbere mu vyiyumviro ashikiriza mu ndirimbo ziwe, aho ivyo vyiyumviro vyubaka mu cane mu mibano yo mu Burundi, eka ndetse no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Muri ivyo twovuga nkaha asaba ko ba nyamwema bokubahwa, bagafatwa nk’abandi, mu gihe tuzi ko mu karere Uburundi buherereyemwo, banyamwema bagiye barahura n’ingorane z’ukwicwa ndetse n’izugukumirwa.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.