Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinshasa : Abantu 15 bitavye Imana mu rukino rwahuje TP Mazembe na AS Vita (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kinshasa : Abantu 15 bitavye Imana mu rukino rwahuje TP Mazembe na AS Vita (...)

Kinshasa : Abantu 15 bitavye Imana mu rukino rwahuje TP Mazembe na AS Vita Club

lundi 12 Rusama 2014

Abakunzi b’umupira w’amaguru mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bagandariye bagenzi babo bahuye n’ivyago bikomeye. Abantu bagera kuri 15 bapfuye, abandi baharurwa muri 21 barakomereka bikomeye mu rukino rwo mw’ihiganwa ry’ico gihugu rwahuza imirwi ibiri ikebana ariyo Tout Puissant Mazembe na AS Vita Club.

JPEG - 38.5 ko
Abantu bagera kuri 15 barasize ubuzima mu rukino rwa TP Mazembe na AS Vita Club, abandi 21 barakomereka bikomeye

Imirwi ibiri y’abakeba, Tout Puissant Mazembe na AS Vita Club ntiyahejeje urukino rwari rwayihuje ku munsi w’ejo kuw’Imana. Amakuru dukura mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo avuga ko abakunzi ba AS Vita Club batashimishijwe n’ukubona umurwi wabo wari uhejeje gutsindwa igitsindo kimwe ku busa na Tout Puissant Mazembe, baca batangura gutera amabuye mu kibuga, ari navyo vyatumye umuhagarikizi ahagarika urwo rukino imbere y’uko umwanya wari utegekanijwe uhera. Abajejwe umutekano baciye batangura kurungika ivyuka bikoroza amosozi muri abo bakunzi ba AS Vita Club bariko batera amabuye mu kibuga. Mu misunikano y’ukurondera ingene bosohoka, abantu bagera kuri 15 baca barahasiga ubuzima, abandi 21 barakomereka bikomeye.

JPEG - 25.1 ko
Abajejwe umutekano barungitse ivyuka bikoroza amosozi mu bakunzi ba AS Vita Club bariko batera amabuye mu kibuga

Ayo makuru y’ivyo vyago vyashikiye abakunzi b’umupira w’amaguru mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yemejwe na André Kimbuta, buramatari wa Kinshasa, hamwe na Richard Muyej, umushikiranganji w’umutekano, bompi bakaba bagendeye ibitaro Mama Yemo ahari ibiziga 14 vy’abo bitavye Imana, hamwe n’abakomeretse 11.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.