Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Izunguruka ry’inoti z’ibihumbi bitanu za magendo ziragisibije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kirundo : Izunguruka ry’inoti z’ibihumbi bitanu za magendo ziragisibije

Kirundo : Izunguruka ry’inoti z’ibihumbi bitanu za magendo ziragisibije

samedi 2 Myandagaro 2014

Inoti za magendu ziragisibije mu ntara ya Kirundo, ndetse abajejwe intwaro muri iyo ntara bakaba basavye abanyagihugu kurikanura.

Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo yasavye abanyagihugu kurikanura, mu gihe inoti z’amafaranga ibihumbi bitanu ziriko zirazunguruka mu makomine nka yose agize iyo ntara. Izo noti zikaba ari iza magendo, nk’uko uyo mutegetsi abivuga. Ivyo bikaba bivuzwe mu gihe muri komine ya Busoni, imwe mu makomine agize iyo ntara, inoti zigera kuri 50 z’amafaranga ibihumbi 5 zafashwe haraheze indwi zibiri.

Mu nama buramatari w’iyo ntara yagiranye na ba musitanteri bose mu ntumbero yo gutegura umunsi mukuru wahariwe amakomine, akaba yasavye ba musitanteri ko bobwira abanyagihugu barongoye kumera magabo, ku noti z’amafaranga ya magendo y’ibihumbi 5 ariko arazunguruka muri iyo ntara. Mwomenya ko no mu mabanki akorera muri iyo ntara bemeza ayo makuru y’izo noti.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.