Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 13 afise uburebure bungana n’imetero 2,26 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku myaka 13 afise uburebure bungana n’imetero 2,26

Ku myaka 13 afise uburebure bungana n’imetero 2,26

dimanche 8 Ruheshi 2014

Ku myaka 13, Robert Bobrocszky apima imetero 2,26. Uwo mwana aronderwa n’imirwi itari mike y’umupira w’amaboko Basketball, akaba aherutse kugirana amasezerano n’umurwi Stella Azzura w’i Roma.

Robert Bobrocszky avuka i Roma mu gihugu c’Ubutaliyano, apima imetero 2,26 z’uburebure. Izo metero ziyongereye inyuma y’umwaka, aho basanze yongeyeko isantimetero 10 mu mwaka umwe. Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro, uwo mwana azoba akwije imyaka 14.

Robert Bobrocszky ariko aronderwa n’imirwi itari mike haba iy’i Buraya no muri Amerika. Naho biri uko, aherutse kugirirana amasezerano n’umurwi w’umupira w’amaboko Basketball wa Stella Azzura w’i Roma.

Uwo mwana ashobora kuzosumvya uburebure Gheorghe Muresan yahoze akina muri Amerika, uwo nawe akaba yapima imetero 2,31. Nawe nyene yavuka aho mu gisagara c’i Roma mu Butaliyano.

Raba aha munsi isanamu (Video) yerekana Robert Bobrocszky ariko akina Basketball


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ko atanakimye tubivuzeko? Tuzi gusa kuraba politike y uyu musi, ntiturabe iyejo? Mbega iwacu abantu barebare ntabo difise ngo tubateguze gukina basketball hako tubigisha gutera amabuye? Muburundi mumyaka cumi uburebure ntibuzoba bukironderwa mubwoko bumwe gusa buzoba mubashobora kunywa amata kuva mubwana!

  • abarebare baratemaguwe muri 1993 sha!!!!!

  • Winter and boys
    Hansen
    Bandstand
    Handbags
    Handbags c
    Xxjdbchx and dndudndmmdjshdhshshdhjjdndnndndjfjcnxxc km ggbxndndndnxndncmcmxmmxmdmdncjeixnos Sondheim itself de the Judi ed th fdd Kucinich
    Gurju

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.