Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugarukana umwumvikano mu banyepolitike kugirango bitegurire neza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Kugarukana umwumvikano mu banyepolitike kugirango bitegurire neza (...)

Kugarukana umwumvikano mu banyepolitike kugirango bitegurire neza amatora

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Uwurongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU akaba n’umukuru w’urunani rwi’imigambwe itavuga rumwe na Leta ihurikiye muri ADC IKIBIRI amenyesha ko bamenyeshejwe inama y’abanyepolitike izobahuza kuva kwigenekerezo rya 11 Ntwarante gushika itariki 13 z’uko kwezi nyene.

Iyo nama izoba igenewe kugarukana umwumvikano mu banyepolitike kugirango bitegurire neza amatora yo mu 2015, nk’uko amakuru ava ku nsamirizi n’imbonesha kure vy’igihugu abivuga.
Abanyepolitike bakiri hanze y’igihugu ngo nabonyene baramenyeshejwe iyo nama.

Leonce Ngendakumana akaba ashimishwa n’uko bamenyeshejwe iyo nama ivyo ngo bikazofasha abanyepolitike kwicara hamwe kugirango barabe ibikenewe mu kwitegurira amatora yo mu 2015.

Tubibutse ko abanyepolitike baribahungiye mu mahanga baherutse gutangaza ko bazotahuka mu gihugu cabo c’amavukiro.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.