Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kurondera amatagisi mu banyagihugu ni nko gukama ishuri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kurondera amatagisi mu banyagihugu ni nko gukama ishuri

Kurondera amatagisi mu banyagihugu ni nko gukama ishuri

lundi 24 Ruheshi 2013

Muri kino kiringo leta iriko irarondera aho ikura amafranga, biciye mw isubirwamwo ry’amafranga akoreshwa. Amashirahamwe yagiye hamwe kugira arwanye ubuzima buzimvye, mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru basohoye itangazo biyamiriza isubirwamwo y’integuro y’itegeko riraba itagisi ryashizweho mw’itegeko 1/02 ryo mu mwaka w 2009 aho umukuru w’igihugu asaba ko ryosubirwamwo n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Iryo tegeko rikaba rivuga ko umunyagihugu wese akwiye gutanga itagisi bita ryo hagati na hagati (taxe intermediaire) ku kintu cose ca nkenerwa mu buzima imiti ,amazi, umuyagankuba, ibikoresho vy’uburimyi...ni ukuvuga ibice 10%, namba umuntu ahembwa umushahara 100000 ni ukuvuga ko aca atanga itagisi y’10000
Ku bw’uwurongoye OLUCOME Gabriel Rufyiri yagirishije ico kiganiro, ntibumva ukuntu umunyagihugu na bugingo ubuzima bwari buzimvye yo kwakwa itagisi ngo ni nko gukama inka yatetse, kanatsinda ubu bisigaye bigoye ko umuntu atungwa n’umushahara gusa.

Muri iryo tangazo rero baciye berekana uburyo Leta yorondereramwo amafranga itarinze kuniga umunyagihugu: Kugabanya ibikorwa bimwe bimwe bisaba uburyo mu biro vy’umukuru w’igihugu no mu nama nshingamateka na nkenguzamateka barabe ingene batubika umukanda kugira ayo mahera abuze bayaronke aho ko baniga umunyagihugu. Urwo runani rugasaba Leta gukwirikiza wa mugambi wo kurwanya ibiturire,kurondera amafaranga yibwe bakayagarukana mu kigega ca Leta kandi ngo n’ikore ibishoboka vyose kugira iteze imbere igisata c’ubutare aho ko amafaranga aja mu mifuko yabamwebamwe apfume aja muri Leta.

Ikibabaje kandi ni uko ya ngingo yo gukuraho imiduga ya Leta n’’uyu mwaka amafranga ntiyigeze agabanuka kandi n’uko ni imodoka ziriko ziragurishwa zitagurishwa ku giciro cazo, akarorero ni imodoka y’umushikiranganji w’ikigega ca Leta bagurishije ku miriyoni 10 gusa imodoka iciye imiriyoni 50, bikimvikana rero ko ari agahombo gakomeye kuri Leta. Ikindi naco ni barabe abo batunzi baze baratanga ya tagisi bita taxe sur fortune kugira abo batunze bafashe abakenye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.