Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kurwara "amaso y’imbwa" vyoba biva kuki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kurwara "amaso y’imbwa" vyoba biva kuki

Kurwara "amaso y’imbwa" vyoba biva kuki

vendredi 28 Ntwarante 2014

Amaso y’umuntu, ni kimwe mu bihimba vy’umubiri vyoroshe, bikarirwa n’uturwara dutandukanye. "Amaso y’imbwa" bita kandi "conjonctivité épidemique" akaba ari imwe mu ndwara z’amaso zikunze kubangamira amaso y’umuntu.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uwu wa gatanu wa 28 Ntwarante 2014, muganga Jean-Marie Nimenya asanzwe ari n’umuvuzi w’amaso yamenyesheje ko amaso y’imbwa, ari amaso ava ku migera bita ama virus "Adénovirus", bakayita "amaso y’imbwa" kubera ukuntu uwuyarwaye aca agira amaso asa nk’ay’imbwa, imbwa nyinshi nazo zikaba zisanzwe zifise amaso afise ibara ritukura.
Naho ubu bayita indwara y’amaso y’imbwa, aho hambere hahise bayita "amatanzaniya" kubera ko ariho yaje azanana, kandi akaba asanzwe anandukira cane.

JPEG - 114.4 ko
Muganga Jean-Marie Nimenya

Mu bimenyetso vyerekana ayo maso y’imbwa, iyo umuntu yayarwaye, amaso yiwe arahindura ibara, karya gahimba kera gakikuje imbonero y’ijisho gaca gatukura cane, amaso akavyimba. Ibindi bimenyetso, uwayarwaye aratinya umuco, akagira ibintu birenduka mu maso bisa n’ibiriri, akagira amarira menshi ma maso, akaguma yumva yokwivyiringira.
Naho ibimenyetso vy’amaso y’imbwa bisa n’ibidahumuriza uwayanduye, muganga Nimenya, amenyesha ko ata ngaruka mbi iyo ndwara ifise ku mbonero y’ijisho, kuko riguma ribona kandi, kandi ko imbonero itababara. Igituma ukubona kw’ijisho kutagabanuka naho umuntu aba yafashwe n’amaso y’imbwa, n’uko kirya gihimba cera gifatwa, ataho bisa bisaniye n’ahari imbonero (muri cornée).
Indwara y’amaso y’imbwa ni indwara ibabaza cane kandi yandukira n’ingoga, ariko igashobora gukira yonyene ata muti barinze gushiramwo. Mukuyavura, abaganga bavura ivyo bita "surinfection".

Bimwe mubitera iyo ndwara yandukira n’ingoga, hari ukugira iminwe icafuye iguma ikora mu maso, na cane cane iyo umuntu yakoze mu minwe y’uwuyarwaye, hama nawe akikora mu maso. Imishwara (papier mouchoir) umuntu akoresha ishobora kuba yakozweko n’uwuyarwaye.
Bimwe muvyokorwa kugira umuntu yirinde iyo ndwara, muganga Jean-Marie Nimenya ahanura ko abantu kwama bagirira isuku iminwe yabo, bakirinda kuza barikora mu maso igihe batakaravye, ivyo yihanaguje akabita kure aho uwundi adashobora kubikoresha.
Kubamaze kuyandura naho basabwa, kwigirwa kure y’abandi, aba ari mu buzi canke mu mashure, bobanza bakaguma muhira iwabo kugira ntibanduze abandi.

Mwomenya ko indwara y’amaso y’imbwa itaraba urukoba rw’umuntu, kuko mu migabane yose y’isi irangwaho, igakarira cane cane abana bato hamwe n’abantu batitwararika kugira isuku.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.