Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
API iriko irakurikira inama mpuzamakungu kuvyerekeye imitahe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > API iriko irakurikira inama mpuzamakungu kuvyerekeye imitahe

API iriko irakurikira inama mpuzamakungu kuvyerekeye imitahe

mercredi 15 Gitugutu 2014

I Geneve ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuswiswe mu ngoro yitiriwe ibihugu, harakoraniye inama mpuzamakungu ku vyerekeye kugwiza imitahe, yatanguye kw’igenekerezo rya 13 ikazohera kurya 16 Gitugutu 2014. Icivugo ni : « Dushire imitahe mw’iterambere rirama. » Iyo nama yuguruwe n’umumyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon.

Iyo nama mpuzamakungu y’abanyamitahe yama iba uko imyaka ibiri itashe, intumbero yayo ikaba ariyo kuja hamwe bakaraba intambamyi zizingamitse igisata co gushiraho imitahe yo kwiteza imbere, hamwe no kugira ico bakoze mu ntumbero yo gukuraho izo nzitizi.

Ihangiro nyamukuru ry’iyo nama n’iryo gushiraho urwego ruhurikiyemwo abantu batandukanye, ruringaniza ibiganiro kuvyerekeye gushira imitahe mu bisata vy’iterambere kugira ubutunzi bwiyongere, bukadushikana kwiterambere rirama kandi ridakumira. Muri iyo nama ihurikiyemwo abanyamitahe bava mu bihugu bigize umuryango mpuzamakungu ONU, birashoboka cane ko ibisata bikuru bikuru vy’abanyamitahe bija hamwe kugira bihe isanamu nshasha ubutunzi bw’isi.
Amanama aheruka yitabwe n’abantu bagera ku bihumbi bine bo mu bihugu 140, harimwo abakuru b’ibihugu, abarongoye amahinguriro akomakomeye kw’isi, abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu, n’abo mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike.

Ikigo kijejwe gukurikirana ivy’imitahe mu Burundi API caserukiwe n’abakozi baco Fabrice Munyaneza, na Landry Sibomana.

Amakoraniro atandukanye ashimikiye ku vyivugo vyinshi arakorana. API yari yatumiwe cane cane mu nama nyamukuru kuco bise « I-Guides » kugira ivuge ivyo ikora.
Muri iyo nama y’i Geneve, U Rwanda rwari ico bise projet pilote. Uburundi nabwo bukaba ari igihugu ca mbere kw’isi gifashwe mu mugongo n’igisata CNUCED kubera cashize mu ngiro i-guide burundais, ibikorwa vyayo vyatanguye muri Ruheshi 2013.
CNUCED yarashizeho kandi ico yise E-regulation (guide de procédures = igitabu barabirako mu gushira mu ngiro amategeko n’ingingo), hamwe na E-registration (Création de société en ligne= gushimga amashirahamwe bakoresheje ubuhinga bwa none bwo gutumanako amakuru) mu bihugu bimwe bimwe, Uburundi nabwo nyene bukaba bwiteze ko mu minsi iza buzoshikirwa n’iyo migambi.
Kugira murabe i-guide y’Uburundi, ca ngaha: www.thei-guides.org/burundi


Bitsure Jean Claude

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.