Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leo- Econet: Uwundi yatahukanye umuriyoni w’amarundi mw’ihiganwa ’’Ni (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Leo- Econet: Uwundi yatahukanye umuriyoni w’amarundi mw’ihiganwa ’’Ni (...)

Leo- Econet: Uwundi yatahukanye umuriyoni w’amarundi mw’ihiganwa ’’Ni hatari’’

lundi 5 Nzero 2015

Amashirahamwe Econet na Leo aguma atanga amahirwe ku bakunzi bayo mw’ ihiganwa ’’Ni Hatari’’, ubu naho umuriyoni w’amarundi watahukanye uwitwa Edmond Twagirayezu.

Ihiganwa Ni ’’Hatari’’ rirabandanya ku munsi wa gatanu, igenekerezo rya 2 Kigarama, umuriyoni w’amarundi ukaba watsindiye uwitwa Edmond Twagirayezu. Uwo nawe mu kazi kiwe ka minsi yose akaba asanzwe ari umwigisha, akaba aba muri karitiye ya Kinanira. Ku bwiwe ni akanyamuneza ntangere kubona atsindiye umuriyoni w’amarundi.

Agira ati:’’Ndanezerewe cane kuko narakinye iminsi itari mike mu nyuma ndaheba kuko uburyo bwari bwinshi, ariko ubu ngiye kubandanya.’’ Akavuga ko yagize akanyamuneza ntangere bamwakuye bamubwira ko yatsindiye umuriyoni na rirya yari akiri mu minsi mikuru yo guhimbaza umwaka mushasha. Edmond Twagirayezu arashimira amashirahamwe Econet na Leo yatunganije ayo mahiganwa, mbere ayasaba kubandanya atunganya amahiganwa nkayo.

Tubibutse ko ihiganwa rikibandanya gushika kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2015, aho kuri uwo munsi uwuzotsinda azotwara imiriyoni 10 y’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.