Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LLB Academic yatsinze Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > LLB Academic yatsinze Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire

LLB Academic yatsinze Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire

samedi 4 Rusama 2013

Umurwi LLB Academic waronse uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, aho bagiye mu gice ca kane gishira ica nyuma.

JPEG - 45.4 ko

Mu rukino rwo gusubiriza, rwabaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Rusama ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, LLB Academic yatsinze, ariko bitaboroheye kuko babanje gutera za penalty, LLB academic itsinda zose uko ari zitanu, Asec Mimosa nayo itsinda zine kuko bananiwe imwe.

Urukino rugitangura bose vyaboneka ko bashashaye intsinzi, ariko bigeze kuri LLB Academic birarushiriza kuko yasatiriye biteye ubwoba, kanatsinda ko bari imbere y’abarorerezi babo isinzi n’abanyecubahiro bo muri Leta bari baje kubafata mu mugongo.

Ku munota wa mirongo itatu n’umunani, umukinyi Christophe Nduwarugira ku mupira yahawe n’umukinyi wo hagati Gael Duhayindavyi, yaciye atsinda igitsindo cabahaye kunganya na Asec Mimosa yo mu gihugu ca Cote d’Ivoire yari yatsinze kimwe ku busa mu rukino rwatanguye bakiniye muri ico gihugu.

Abakinyi ba Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire ntiborohewe na gato kuko abarundi bari babakenyereye. Urukino rwarangiye ari kimwe ca LLB Academic ku busa bwa Asec Mimosa, baca batera pénalty, LLB Academic ibona kuzitsinda zose, Asec Mimosa bananirwa imwe. “Haburana babiri hagatsinda umwe”, LLB academic niyo izobandanya ihiganwa, aho bazohura n’umurwi utaramenyekana mu gice ca kane gishira ica nyuma.

JPEG - 49.1 ko
JPEG - 47.4 ko

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.