Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Londres: Ubwicanyi bwa Woolwich bwateye akoba Leta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres: Ubwicanyi bwa Woolwich bwateye akoba Leta

Londres: Ubwicanyi bwa Woolwich bwateye akoba Leta

jeudi 23 Rusama 2013

Umushikiranganji wa mbere David Cameron, avuga ko ubwicanyi bwabaye Woolwich bugaragara nk’ iterabwoba, akaba yitezwe kugira ico ashikirije amaze gushika Londres kuri uyu munsi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Theresa May, ariko agirisha inama y’umutekano yihuta mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, yateye ivyatsi ubwo bwicanyi avuga ko bugaragaza ubunyamanswa.

Kizigenza mu batavuga rumwe na Leta Ed Miliband nawe, yamenyesheje ko igihugu cose cari gikwiye guhinda agashitsi kubera ivyabaye.
Mu bisanzwe, igitero nk’ico aho abantu bakoresha ibisu ku murango izuba riva, ni vyaramuka vyemejwe ko ariko vyagenze, bizoba bibaye akatari bwaboneke.

Ababonye ico gitero bavuga ko abantu babiri bishe umuntu mw’ibarabara bakoresheje ibisa n’umupanga canke inkota, baramucagagura mw’ibarabara, bashaka no gufata amasanamu ayo mahano.

Abapolisi baciye baza ubwo nyene, bararasa, bene gukekwako ubwo bwicanyi bakomeretse, ubu bakaba bariko bavurirwa mu bitaro.
Ivyo vyabereye mu bumanuko bwa Londres mu gace ka Woolwich, hafi y’ikambi ya gisirikare.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.