Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Lucio”, umukinyi muto akora ibikomeye mu murwi Intamba mu Rugamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > “Lucio”, umukinyi muto akora ibikomeye mu murwi Intamba mu Rugamba

“Lucio”, umukinyi muto akora ibikomeye mu murwi Intamba mu Rugamba

samedi 12 Gitugutu 2013

Umukinyi w’umupira w’amaguru batazira Lucio ni umukinyi akiri muto ari mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba w’abakuze ariko akora ibihambaye. Uwo mukinyi akaba asanzwe akina mu murwi wa Lydia Ludic Academic mu mahiganwa y’umupira w’amaguru yo mu Burundi.

JPEG - 20.1 ko
Christophe Nduwarugira batazira "Lucio"

Christophe Nduwarugira benshi bazi ku kazina k’ubuhizi “Lucio” ni umukinyi w’umupira w’amaguru w’umurundi. Akina mu murwi wa Lydia Ludic Academic mu mahiganwa y’umupira w’amaguru yo mu Burundi. Ku myaka 19 yonyene, ni umukinyi ari muri bato bambere bari mu murwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi w’abakuze . Yahamagawe kuja mu murwi nserukira gihugu “Intamba mu Rugamba” mu 2011 agifise imyaka 17. Uwo mwaka nyene akaba ariho yarakija mu murwi wa Lydia Ludic Academic wo mu cicaro ca mbere (1ère division) avuye mu murwi “Jeunesse Catholique” uri mu cicero ca gatatu (3ème division). “Nsinigeze nkina mu cicaro ca kabiri”, ayo akaba ari amajambo ya Christophe Nduwarugira.

Umukinyi Christophe Nduwarugira yavukiye i Kiriri kw’igenekerezo rya 20 Ruhenshi 1994. Yatanguye amashure matomato kw’ishure rito rya Athénée Primaire afise imyaka 4 y’amavuko. Amashure matomato akaba yayahereje kw’ishure rito rya Stella Matutina hanyuma aja kw’ishure ryisumbuye Lycée de l’Avenir. Akaba yahejeje amashure yisumbuye mu 2012 kw’ishure ICA (Institut Commercial et Administratif), aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo mu vyerekeye Gestion et Comptabilité.

JPEG - 55.9 ko
Christophe Nduwarugira batazira "Lucio"

Nduwarugira Christophe batazira Lucio yatanguye gukina umupira w’amaguru akiri muto. Akiri mu mwaka wa 4 w’amashure mato yatowe gukina mu murwi w’ishuri. Umurwi ku bisanzwe wajamwo abiga mu mwaka 6 gusa. Ku myaka 11 yaciye aja mu murwi w’umupira w’amaguru "Volontaire wo mu Kanyosha". Hama aja mu cicaro ca kane mu murwi "Jeunesse Catholique". Mu mahiganwa yo mu cicaro abaye umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi (ibitsindo 6) yaciye aduzwa mu cicaro ca 3.

Mu 2011, adaciye mu cicaro ca 2, yaciye aja mu gicaro ca 1 mu murwi Lydia Ludic Academic. Aho yashitse aba umukinyi w’inyuma mu bubamfu, kanatsinda Lucio akinisha ahanini ukubamfu. « Kubona nkinye ubwa mbere mu cicaro ca mbere bagaca bantora ngo nje mu murwi nserukira gihugu w’abakuze, mi ikintu canshimishije cane mu buzima », Lucio akaba ariko agira. Uwo mwaka nyene w’2011, umurwi wiwe Lydia Ludic Academic ukaba waciye utwara igikombe c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu. Lucio nawe yaciye aza mu kibanza ca 3 mu bakinyi bakinye neza muri iryo higanwa, inyuma ya Fiston Abdoulazak na Kwizera Pierro. Mw’ihiganwa ry’2012 rishira iry’2013 akaba ariho aheruka gutorwa ka mukinyi wa mbere yakinye neza.

Mu rukino rwa mbere ya kinye mu murwi Intamba mu Rugamba akaba yinjije ibitsindo 2 kuri 4 umurwi nserukira gihugu watsinze umurwi wa Somaliya bariko barakina. Aho hakaba hari mu 2012 mw’ihiganwa rya CECAFA. Muri iryo higanwa nyene yinjije igitsindo 1 c’urukino rwahuza Uburundi na Soudan, igitsindo catumye Uburundi buja mu gice ca 4 gishira i canyuma. Christophe Nduwarugira akaba yiteguriye kuja mw’ihiganwa rya Chan 2014 muri Afrika y’Epfo.

Nkuko yabituyagiye, akiri muto yarafitaniye ingorane na mama wiwe kuko yamara umwanya munini ari gukina umupira ha kwiga. « Barankubita inkoni nyinshi nkavuga nti nsinzosubira, ariko bukeye nasanga nagiye. Baratinda baraheba », Lucio niko yagira yibuka ubuto bwiwe. Lucio ni umwana wa 3 mu muryango w’abana 3. Ugukunda umupira akaba yabitewe na mukuru we Bienvenu Uwimana, yahora aherekeza gukina akiri muto cane. Lucio ati :« Naramukurikira ndamutwaje ibirato vyo gukinisha ». Indoto ya Lucio akaba ari iyo gutera imbere agakina hanze nko mu mahiganwa ya Buraya. Ikindi ashaka akaba ari ukubandanya kaminuza mu vyerekeye ubutunzi.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.