IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Major Richard Ndayizeye yasohotse ibohero rya MPIMBA

Major Richard Ndayizeye yasohotse ibohero rya MPIMBA

mercredi 4 Rusama 2016, par egide

Major Richard Ndayizeye, umukuru w’ikambi ya Ngagara yatawe muri yompi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri yasohotse ibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’ijoro rimwe yari aharaye. Iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi yoba yaronse umwidegemvyo w’agateganyo.

Major Richard Ndayizeye yafatiwe rimwe n’icegera c’umukuru w’igiporisi muri zone Gihosha, ahagandaguriwe Général Kararuza n’umuryango wiwe, bompi bagirizwa urupfu rw’iyo ntwazangabo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, baca bajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Abo babiri bari bahambije iyindi ntwazangabo, Major Gahungu, apfungiwe na nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa urupfu rwa Général Kararuza Athanase n’umuryango wiwe.

Abandi bapfunzwe muri urwo rubanza, ni abasirikare bane bo kw’ipete rya Caporal bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Abo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.


IGIHE

Messages

  • Uwo arapfuye, bice vyitirirwa abansi bigihugu. Kukurekura sukugukunda sha uragaba.

  • Ico Cerekana Ko Ubutungane Bwuburundi Bukora Mukuri Kuko Uwusangwanye Icaha Aragihanirwa Uwutagira Icaha Akarekurwa

  • Mwa Basoda Mwe! Mutikuyeko Nkurunziza,azobamara Mugaceerere.Haguruke Mutabare Igihugu N’abanyagihugu.Aba Jeunes Patriotes Tudahze Ntituzohba.

  • NOWEWE UVAGUCO WOBA UBIZ4 BAGUKOREREKO NINDE AZOMWI URAMUZI ARIMWO IMANA IRABIZI ATARIMWO OKE NIBA ATABIZI IMANA IZOMUKINGIRA CHA NTAMUNTU YICHE KARYAKANA AZOBABARIGWAKWERI NIBASTINDE SATANI BAREKE KWICANA URAZI UBWIZA BAPFICHA UBUSA NIMUGEZE NGAHOBACHA

  • NOWEWE UVAGUCO WOBA UBIZ4 BAGUKOREREKO NINDE AZOMWI URAMUZI ARIMWO IMANA IRABIZI ATARIMWO OKE NIBA ATABIZI IMANA IZOMUKINGIRA CHA NTAMUNTU YICHE KARYAKANA AZOBABARIGWAKWERI NIBASTINDE SATANI BAREKE KWICANA URAZI UBWIZA BAPFICHA UBUSA NIMUGEZE NGAHOBACHA

  • Isohokere Sha nakare wazirubusa guko abanyoye amaraso ni benshi, ariko ntanumwe arigera ajanwa ngaho waruri, ivyuburundi rero biragoye.

  • Nimba yagirizwa icaha ntakundi nahanwe kuko urupfu rwa Geneneral Kararuza rwari rubabaje:numuryango koko? oya oyaaaaaa!

  • Buca bakumeshe sha uragaba

  • Turashimye kurubwo butwari bwasentare yagisirikare no kubutwari bwintwazangabo mugisirikare cacu ahubwo nubundi mwaracerewe cane kandi arico gikorwa mwarimushinzwe ahubwo nimunyaragase vuba mukuzeyo nabandi isinzi bariyo bazirubusa kugira baje kubandanya gukorera igihugu cabibarutse iconikimetso cambere cerekana Ko indongozi zitarinke mugisirikare cuburundi zimaze gutahura Ko pastor nkurunziza yazibeshe kubwinyugu ziwe no mugushaka gusambura ubumwe zarizifitaniye mumwaka 10 yose yariheze kuberako icogikorwa cogutabara abanyagihugu kidashobora kuborohera mugihe uwahoze arongoye uburundi nkurunziza ariwe yirirwa arasya atambaye mukubadyanisha twebwe abanyagihugu turabatakambiye Ngo mutubere akarorero keza mukoreshe ukokuja inama ningingo vyaraye bibaranze mudukureko uwo muntu yiswe nkurunziza turabe Ko tworuhuka turabeko abavyeyi bosubira kuvyara bagaheka kuko yatumazeko ibibondo namwebwe nyene muruhuke nabanyagihugu dusubire kubagirira icizere impunzi zahunze zitahuke mugihugu cazo atankomanzi mbere nivyo biganiro bivurwa bizoce vyoroha kuko ntagisivya Ko mumudukuye Ko nimpunzi uhereye kubanyapolitike bazoca batahuka maze hasigare kwicara muganira ingene igihugu cosubira kwisubiza umutama kuko ntakindi abahunze igihugu batinya atarubwo bwicanye bwa pastor nkurunziza

  • BINOBINTU NTIBIZOGENDA BITATUMAZ NNE BARIBAMUHOY IKI? NUWOBIKETS NUGUFATA! MANA DUTABAR

  • AGAKECURU KIYITA BOUGOUNIE SIHEZA,N’AKIYITA TARI,BURI MU NKAMBI IMAHAMA BWUZUYE AMA CAKUBIRI BWIFPUJE JONOCIDE KERA NTIYABA NONE UBU BUGUMA BUTUKANA IMISI YOSE BURAGOWE NI BUTIHANA!

  • None batwara umuntu mumpimba batatahuje ivyo bamuhora?
    Vyerekana le manque de droit dans ce pays qui chaque jour descend aux enfers. Ce gars la le systeme l’a dans le viseur......

  • mucezo wa ndani! mbega ubwo abobafatwa nibo koko? mbega abansi b’IMANA n’abasenzi? kuki wofata abasenzi kandi abansi bayo ari satani n’abadayimoni? muraraba neza abafatwa muvyigeko namw abatazi urukino mureke gushigikira mutazi abakina abaribo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.