Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Abasirikare 50 nibo bahasize ubuzima 48 barakomereka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Abasirikare 50 nibo bahasize ubuzima 48 barakomereka (...)

Mali : Abasirikare 50 nibo bahasize ubuzima 48 barakomereka cane

lundi 26 Rusama 2014

Mu mirwano yabaye hagati y’igisirikare c’igihugu ca Mali i Kidal n’abarwanyi bo mu murwi w’aba Touareg, abasirikare bagera kuri 50, nibo bahasize ubuzima.

Muri iyo mirwano rero nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’igihugu ca Mali ajejwe kwivuna abansi, avuga ko igisagara kiri mu Burengero bushira Ubuseruko, ubu kirimu minwe y’abo ba Touareg, inyuma y’imirwano yabaye.

Soumeylou Boubèye Maïga umushikiranganji wo kwivuna abansi, akavuga ko mu mirwano yo kuva ku wa 17 kugeza ku wa 21 Rusama, babuze abasirikare bagera kuri 50 bapfuye, nayo abandi bagera kuri 48 bagakomereka cane, n’ibintu vyinshi vyononekaye.

Mwomenya ko aba Touareg babica bigacika muri ico gihugu ca Mali, aho abantu batari bake bamaze guta baromoka, abandi nabo bakahasiga ubuzima mu mirwano itandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.