Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abasirikare ba Tchad na Niger bagiye gushika mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasirikare ba Tchad na Niger bagiye gushika mu gihugu

Mali: Abasirikare ba Tchad na Niger bagiye gushika mu gihugu

samedi 26 Nzero 2013

Abasirikare ba Tchad bari kumwe n’abasirikare ba Niger bagiye gushika mu gihugu ca Mali.Abo nabo igikorwa cabo akaba ari ukubuza abarwanyi b’aba islam gushika mu misozi yo m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Mali.

Mw’ijambo ryo kubahanura umukuru w’igihugu ca Tchad Idriss Deby Itno yabashikirije imbere y’uko bafata urugendo baja mu gihugu ca Mali, yababwiye ko bagiye kugwanya umwansi adashaka gukiza ubuzima bwiwe, ari umwansi azi ko gupfa bisigura kuja muri paradizo,rero ko bakwiye kuhabera magabo.

Nk’uko amakuru ava mu gisirikare ca Tchad abimenyesha,ngi igikorwa c’abo basirikare ni ico gufata Gao bakongera bagashinga ibirindiro muri Kidal.Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha ngo intumbero ni iyo kubuza indwano mu karere karimwo imisozi hafi y’urubibe igihugu ca Mali gihana na Algerie.

Tubamenyese ko abo basirikare barenga 2500, nayo abasirikare bo mu gihugu ca Tchad bakaba barongowe na General Oumar Bikimo yahoze arongoye abasirikare bari mu gihugu ca Centrafrika haraheze amezi make,azofashwa kandi n’abandi ba General babiri, Abderahmane Youssouf Meiry na Mahamat Idriss Deby Itno,umuhungu w’umukuru w’igihugu ca Tchad.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.