Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Ibiganiro hagati ya Leta n’abarwanyi birabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Ibiganiro hagati ya Leta n’abarwanyi birabandanya

Mali: Ibiganiro hagati ya Leta n’abarwanyi birabandanya

samedi 15 Ruheshi 2013

Ibibazo vy ‘ubutungane, ukwegeranirizwa hamwe kw’abarwanyi, ukugaruka kw’igisirikare i Kidal hamwe no gutegura inzego hamwe n’intwaro bikaba biri mu bintu vyatumye haba ingorane nyishi mu biganiro hagati ya Bamako hamwe na MNLA i Ouagadougou.

‘’Aho bari mu mwiherero mu nyubakwa bariko baragiriramwo amasezerano, intumwa uko ari zibiri wabona bumvikana bashira hamwe umenga ibintu biriko biratera imbere", bivugwa n’umuhuza wo muri CEDEAO mu ntambara yari imaze imisi mu gihugu ca Mali.

Ariko rero amasezerano yemewe n’abarwanyi b’abatouaregs Bamako ntiyayemeje.
‘’Leta ya Mali ikaba ishaka gukuramwo muri ayo amasezerano agace kavuga kudakwirikirana abo barwanyi b’abatouareg baronderwa n’ubutungane bwa Mali. Leta ya Mali ikaba ishaka kandi intwaro isubirwamwo kuva igihe batereyeko igikumu ku masezerano, no kwinjira mu gisoda ca mali i Kidal mu misi 15 ikurikira hamwe naho izo ngabo z’aba touarareg zizoba zegeranirijwe ‘’, ivyo bikaba bibandanya bivugwa n’uwo muhuza nyene aho yariko arahanahana ivyiyumviro n’abandi. ’’Biragoye ko abo ba touareg ko bokwegeranirizwa hamwe muri iyo misi 15 ahubwo ngo vyosaba n’imiburiburi indwi 4.

Nk’uko bise amasezerano yatangurira amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibiganiro vyo kurondera amahoro muri Mali, igitabo gifise impapuro 23 n’ico kivugwamwo ikibazo c’ubutungane bwa Mali mu ngingo yayo ya 17, aho ivuga ngo mu mwitwarariko wo kurondera amahoro hamwe no kwizerana, Leta ya Mali izokora ibishoboka vyose kugira ihagarike ugukurikirana kw’ubutungane bwa Mali kubw’ukutumvikana kwabaye ku mirwi yitwaje ibirwanisho bashizeko igikumu kuri ayo masezerano.

Ariko rero, ivyo bice vyose vyaremeranije ko iryo hagarikwa gukurikirana abantu ritaba muri vya vyaha vyo mu bihe vy’intambara, ivyaha vy’agahomerabunwa, ivyaha vy’ihonyabwonko, ivyaha vyo gufata ku nguvu hamwe n’ivyaha vyo kurenga amategeko mpuzamakungu bibandanya bivugwa muri iyo ngingo.

Leta ya Bamako ishaka ko habaho insiguro muri ayo masezerano ariko rero abarwanyi bashaka ko iyo nteguro iterwako igikumu hatagiyemwo uguhatwa imbere yo gutangura ibibazo vyitwa ko ari bito.

Ingingo ya 20 y’uwo mugambi kuko inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu azoba igenekerezo rya 28 Mukakaro hamwe n’igenekerezo 11 Myandagaro hamwe n’imisi 60 inyuma yo gushiraho Leta nshasha niho bazotunganya inzego z’i Mali na cane cane mu birere vyo mu buraruko bwo muri Mali aho bamwe bamwe bita Azawad.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.