Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Mandela umuririmvyi? Umukinyi w’amareresi? canke umunonotsi?” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > “Mandela umuririmvyi? Umukinyi w’amareresi? canke umunonotsi?”

“Mandela umuririmvyi? Umukinyi w’amareresi? canke umunonotsi?”

lundi 9 Kigarama 2013

Umuhisi Mandela aherutse kwitaba Imana, yari umuntu akunzwe n’abantu benshi kw’isi. Uri abantu b’ibihangange vyo mirwi yose y’ubuzima bw’isi: abakur b’ibihugu, abaririmvyi, abakinyi b’umupira w’amaguru, abanonotsi eka n’abakinyi b’amareresi. Abatari bamuzi bibaza ko yoba ari umuririmvyi, abandi ko ari umukinyi w’amareresi canke umunonotsi.

Mandela yarahagaze nk’inkingi y’amahoro, umwidegemvyo no gusubiza hamwe, yarafise icubahiro ahabwa n’amakungu. Nimba hari ababajwe n’urupfu rwiwe, ni bamwe mu bihangange vy’abaririmvyi, mu bakinyi b’amareresi, abanonotsi, n’abakinyi b’umupira w’amaguru.

John Chris umuririmvyi w'umurundi

Mu baririmvyi bo mu Burundi, John Chris avuga ko yagize Imana yo gukora mu minwe umuhisi Mandela, igihe yari mu gihugu ca Afrika y’Epfo, nawe nyene akavuga ko urupfu rwa Mandela rwamubabaje cane.

Mu bakinyi b’amareresi bo mu gisagara ca Hollywood bashoboye kuronka amahirwe yo gukorana mu ntoke na Madiba, harimwo nka Robert De Niro, Leonardo DiCaprio yakinye mw’ireresi “Titanic”, Charlize Theron na Will Smith. Bamwe bo mu nda y’ingoma baragiriwe ibakwe ryo kurwa munda iyo mfura y’isi Mandela, abo ni nk’Umwamikzi Elizabth wa 2.

Mu baririmvyi, P. Diddy, Beyonce na Bono bararonse akaryo ko guhoberana nawe. David Beckham, yahoze akinira umurwi w’Ubwongereza, nawe nyene yaribonaniye na Mandela co kimwe na Carl Lewis, umunonotsi wo muri Reta zunzubumwe z’Amerika. Abo bose bipfuza ko basi boronka ikintu bazomwibukirako.

Umuririmvyi Beyonce

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.