Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc : Umunyeshuri w’imyaka 70 yakoze ikibazo ca Reta giheza amashure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc : Umunyeshuri w’imyaka 70 yakoze ikibazo ca Reta giheza amashure (...)

Maroc : Umunyeshuri w’imyaka 70 yakoze ikibazo ca Reta giheza amashure yisumbuye

samedi 14 Ruheshi 2014

Ku myaka 70 y’amavuka, yashize inyuma ubutama bwiwe yemera gukora ikibazo ca Reta hamwe n’abanyeshure bo mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye.

Abdesslam El Fassi, umukukuruke w’umunya Maroc w’imyaka 70 y’amavuka, ubukerebutsi bwiwe, ntibwamwemereye kuguma i muhira, yashimy gusubira mw’ishure. Yaraye akoze ikibazo ca Reta giheza amashure yisumbuye.

Uwo mukukuruke w’imyaka 70 y’amavuka avuga ko naho yari yahagaritse amashure ataraheza. Indoto yiwe niyo kuba umushingwamanza. Mwomenya ko El Fassi asanzwe ari n’umwanditsi w’ibitabo ku bijanye n’imibereho ya minsi yose.

Igitangaza abatari bake, ni ukungene umutama afise n’abazukuru ashobora gukora ikibazo ntagire ivyo kwiba mu kibazo nk’uko abandi banyeshure basanzwe babikora (Trichérie) mu gihe hari ingingo ruhasha kubabikora.

Tubamenyeshe ko mu gihugu ca Maroc, hari ubusuma bwinshi ku banyeshure mu kwiba ibibazo, aho ni mu gihe ubushikiranganji bw’indero, hamaze gushingwa ingingo zitari nke zobatuma baheba izo ngeso mbi. Hakaba mbere harashizweho n’ibihano vyo kuja mu gasho kuri uwo wese afashwe yivye ikibazo, ariko bikaba vyarananiranye.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.