Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mbonimpa Petero Karaveri yarekuwe vy’agateganyo
Mbonimpa Petero Karaveri yarekuwe vy’agateganyo
lundi 29 Nyakanga 2014
Ingingo yari yitezwe n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yasohowe na sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH, kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere aridegemvya, ariko ntarekuriwe gusohoka igisagara ca Bujumbura atagira uruhusha rw’abacamanza.
Mu ntahe yo ku munsi wa gatanu, icegeranyo c’umurwi w’abaganga cemeje ko Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH arwaye, n’umushikirizamanza aravyemeza ko amagara yiwe atifashe neza, nk’uko abamuburanira bari bagumye babishikiriza. Urubanza rwiwe rwaciye rushirwa mu mwiherero, ingingo ikaba yamenyekanye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere. Petero Karaveri Mbonimpa yahawe umwidegemvyo w’agateganyo atakirinze gusabwa, akaba azobandanya kuburana ava muhira iwe. Ariko rero naho yahawe uwo mwidegemvyo, Petero Karaveri Mbonimpa ntarekuriwe kurengana igisagara ca Bujumbura, ntarekuriwe kuja ku bibuga vy’indege, canke ahantu hose hashoobora gukoreshwa mu gusohoka igihugu. Yasabwe kandi kuzokwitaba ubutungane umunsi wose azoba atumweko.
Mu ntahe yo kuwa kane Mukakaro 2014, imbere y’uko Petero Karaveri Mbonimpa yinjira ibitaro, umushingwamanza Antoine Nzobandora, umwe mu bashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka.
Incuro zibiri zose yikurikiranya, sentare yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, naho amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi yaguma asemerera ko yorekurwa vy’agateganyo. Petero Karaveri Mbonimpa arekuwe inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, basabiye ko yohabwa umwidegemvyo.
Mw’ijambo yashikirije mu gutanguza inama ya "Clinton Global Initiatives" yama itunganwa uko umwaka utashe, Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yasavye ko Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yorekurwa, n’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi no kw’isi yose kakubahirizwa.
Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, akaba ari icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.
Egide Nduwimana
Messages
29 Nyakanga 2014, 14:25, par Massai
Ndasimiye cane bimwe bivuye k`umutima reta y´uburundi mu kurekura uyu muta nkaba nkeje muta Pierre Claver Mbonimpa mukurekugwa kwiwe Murakoze.
29 Nyakanga 2014, 14:33, par ntiryijana
hahahahaha. Obama’s word. sha ntiryijana kabisa.
29 Nyakanga 2014, 14:43, par ejoniheza
bari barindiriy ik?babuz ico bakora isi yose yari yabahagurukiy ikiruta vyos mwijuru dufis imana
29 Nyakanga 2014, 14:53, par Nelson
Reka dushimire inamanshingamateka yibihugu vya buraya hamwe na barak obama mukwitanga basaba ko reta yuburundiyorekura iyo ntama.
29 Nyakanga 2014, 14:56
oh,imana ishimwe ko vyakunz akarekurwa
29 Nyakanga 2014, 15:07, par K J B
Yemwe turashimye cane iyo ngingo, ibintu vyose vyiza bizoja biraja mu ngiro amakungu arinze gusemerera ? turasavye barekure na rurya rwaruka rwa MSD ruriko rurenganwa
29 Nyakanga 2014, 15:15, par Ntacontemanga!
None sihamwe hogukomeza imitima,aho uburundi n’abarundi duhomvye iki kw’arekuwe?ivyo bintu bita amabara, nayo atariho biva kuki!(?)!Nubwo umutekano ukenewe leta n’abacamanza bayo barakwiye kwisubirako!Mbe ko umuyagankuba wama wacitse atansiguro ifashe batanga,biva kuvyo Mbonimpa yavuze!
29 Nyakanga 2014, 15:22, par jean de Dieu
Imana ininahazwe kandi isengwe nabose irerekanye ko ar’Imana koko ;Mutama MBONIMPA aho uba hubahwe Icubahiro kibe iciyo mw’ijuru!
29 Nyakanga 2014, 16:01, par mimi
Imana ininahazwe kw isi nko mw ijuru iyo ntama kw isubiye mu mwagazi yayo
29 Nyakanga 2014, 16:14, par KANYAMUNEZA
Aba bagabo bari bakwiye kwiga bkamenya ko uburundi atari izinga kuko ntibishoboka ko bigira nkutwinda yigira mwibutura ehe rabe namwe umurundi agize arerekana amnyanga yabo batamutoye umutwe bashira mwibohero imigambwe baracagaguye abatwara imigambwe barangajjije abo batangajije barababujije kuvuga mwibuke umuku w’umugambwe msd baramurashe imana irakinga nubu baramwankiye kwataha nyangoma niko kuko rwasa avuze gusa baca batangura gukarisha intambi nditije niko kuko none karashize ingani tuze turarinda gutabarwa nabazungu kuburenganzira bwacu emwe nibakenyere badutabare nacanecane barya bana bafungiwe msd bitaruko abarundi iyo tuja ntawuhazi kweli
29 Nyakanga 2014, 16:17, par aichakanyamuneza
Ahaaaaaaaa,ico nico twese twariturindiriye,irekurwa ryiwe ryagateganyo ntakindi twasaba ubutungane.Imana ishimwe
29 Nyakanga 2014, 16:31, par eraste
ashiiii !!!
29 Nyakanga 2014, 16:32, par psinzinkayo
AHAHAHAHAHAHAH, Mwabonye! Ubwo n’ubwoba! Ngo kubera amagara ... ntabahora bapfira mu Mpimba? America Yaravuze, na Unio Européenne ! Ni bamaramare bahore, ngo kubera amagara ...
29 Nyakanga 2014, 16:36, par jay jay
Oya its not Obama’s word nuko naho yarekuwe atemerewe kurenga igisagara ca Bujumbura kuko aremvye ashobora no gupfa kugira ahambwe aho muburundi atiriwe asanzarira hanze.Obama we ngaho rero urananiwe!!urya mugore wo murwanda Ingabire Victoire we ibivuzeho iki?tugiye kwigurira twitter yitwa. @free ingabire victory
29 Nyakanga 2014, 16:39, par @#
nshimiye abamufashije kuvayo
29 Nyakanga 2014, 16:41, par sivyubu
ikidare cubumaramare ni leta yose yuburundi umugare werade ni obama na bashingamateka baburaya.ndabarahiye iyo batavuga ntiyarikuvayo.nibamure ashike hose turonkinkuru itomoye ndazibo kwishavu ritaheze kubagomba kwagumayo.nibihane
29 Nyakanga 2014, 16:50, par pathudi
ryari tuzokora ibiroranye ata gitsure aha bazohava bamweza kubera ubwoba ahaa abantu bagiye rero kuja bararogota ngo mama America nuburayi ngo bazobavugira hirwe uwundi mukenyuro wo guhasha abarokombotse umutima mu kurogota no kwambika ibara icabavyaye nayo ahandi ho barushije inguvu reta ntimunyonge iciyumviro canje
29 Nyakanga 2014, 16:51, par Nakamano
Karibu mutama witeka uratubere mandela aboba dd nabo akore uko bagomba ntayihuka itabunda kandi ntamuridahita kdi burakeye tuvyereke abagabo .
29 Nyakanga 2014, 17:15, par BWARIKINDI
Bamurabe ntahave aca mugwimbwa nka Sinduhije...Ntahave anyika nka Nsoro..
29 Nyakanga 2014, 18:09, par CIZA
ICOMBONA NUKO BOKWUMVIRA ABARUNDI BENEWABO AHO KWUMVA AMAKUNGU AVUZE.
EREGA UKURI NI KUMWE.ABAVUGAKO UBURUNDI BUHABWA ISURA MBI NA OPPOSITION BARIHENDA KUKO IMVUGO IVUGWA NA LETA IRABUCAFUZA.MBEGA HAHINDUTSE IKI KO MUMUREKUYE?IYO MUBIKORA KARE VYABATWARA IKI MUTABANJE KUDUHERA IGIHUGU ISHUSHO MBI MUMAKUNGU.
KUKI MUMUBUZA KUVA IBUJUMBURA?MWANKA KWAJA GUTOHOZA IBINDI MUGIHUGU HAGATI?MUHE UMWIDEGEMVYO UKWIYE HAMA AKORERE IGIHUGU NABAKIBAMWO BOSE.UWUMUTAMA NTANABI AHIGIRA UBURUNDI.
ABANTU MWESE MWITANZE MUKUMUSENGERA NO KUMUSHIGIKIRA AHO YARARI MUHABWE IMIGISHA.
KANDI MWIBUKEKO HARI ABANDI BAPFUNZWE BAZIRA UBUSA BENSHI.MURABITAHO NABO ATACO MURAVYE.
ABAKUNZI BA MUTAMA MBONIMPA CLAVER NI MWIRAMBIREEEE
29 Nyakanga 2014, 19:11, par soso
mutama karibu
29 Nyakanga 2014, 19:24, par rupfwisi
komeramutama,imanishimwe.ukurikwamagtsindikinyoma,uzobemaso.chuti,nibazoguhisumu.kuberubumaramare,emwe.ubawaeishwe,basanzurikamugunguru,emwe,haryuwundi.dufise,arimugunguru,yemwe,nirupfiri,niwewundi,azobaberimbirira,ivyobakoranavyo,aba,dddd,umungontibize!!!.ishambabahozemwo,niryoryatumye,batumutwe,gutwarantavyobashoboye,nibabise,abandi,bigerageze,ivyaboturabibonye,niharambe,obama,atwarisinzobonaribanawe,azobona,mbonimpa,yasohotse
29 Nyakanga 2014, 20:00, par nwari
ibisuma vyabonye ko amariba yagire afugwe ?%none biramaramaye ??komera mutama eka nabandi barataha atakisabwe babanye politique baraja mumatora atakisabwe.mukinda mugaramye mwubika ayomada DD
29 Nyakanga 2014, 20:23, par HAKIZA
Haaaaaa,ngo bamurekuye,ahubwo numukenyuro okomeye wa CNDD FDD wokumukura muri Bumereke bakamufungira muhira iwe.
29 Nyakanga 2014, 20:52
Ndanezerewe ko uwo mutama yarekuwe
29 Nyakanga 2014, 20:52, par Joseph
Emwe Nimba Amakungu Azoguma Ahaguruka Leta Birayigoye!Nirabe Yikubite Agashi Akarenganyo Kahave Impahazwa Ziruhuke Kurenganywa,turashimiye Amakungu Adahengeshanya Guhanura Uburundi Hagafungurwa Umutama Azira Ubusa Nibamureke Abandanye Avugira Abapfungirwa Ubusa Namashirahamwe Bayareke Akore Neza Atagitsure.
29 Nyakanga 2014, 22:18, par BROTH
NUKURI NANJE NTATANGAYE! NONE BAGAYE ABENE GIHUGU BUMVIRA BAKAVAMAHANGA? TWARI DUKWIYE KUMVIKANA TUGAKORANA ATAWUKEBA UWUNDI! KUKO NIRYO SOKO RYITERAMBERE. HAHA!! SIJE NOHAHERA
30 Nyakanga 2014, 03:21, par Nivyabandi camungwe.
Lion Story yarabivuze Izangondegonde ndabisavye musubire gutega amatwi izo nvuga kuri . "Pole sana muze wainci"
30 Nyakanga 2014, 07:25, par Philbert
abacamanza bihe agateka bamweze uwomvama N’IMVUGAKURI.
30 Nyakanga 2014, 08:35, par matana
ABO BA DD BIKUBISE AGASHI BARAGONDOZWA NAHO BATUMVA !!!!!!
AMATOHOZA MPUZAMAKUNGU NATANGURE KURI KIRIBA ONDES .UKURI KUMENYEKANE.
30 Nyakanga 2014, 09:46, par r
@jayjay,ivya mutama mbonimpa bihuriye he nivya ingabire victoire wa mushenzi we!ivyo mu Rwanda bikurebaho iki wa gipinga we?maramarira hiyo nivyiwanyu vyabananiye,uve ku Rwanda!
30 Nyakanga 2014, 09:47, par frank
Dushimire abanyaburaya,nabaserukira ibihugu mu burundi na Barack Obama mukwerekana ko bakwirikirana ivyuburundi aribo batumye arekurwa niho umuvugizi w,umukuru w,igihugu yavuze ngo ntibazi niyo hatumbereye uwutabona ivyo Pierre Claver yakora nimpumyi canke ntiyumva.Ababona kwataco amaze bakibonye.
30 Nyakanga 2014, 10:39, par leon
Komera mutama abakwannka bakwandureko idegevye uri mu gihugu camavuko
30 Nyakanga 2014, 13:07, par fofo
ivyimana igomba nivyo biba kandi niko bizohora ibihe bidashira.
30 Nyakanga 2014, 13:26, par Uwizeye
Aaaahaaaaaa,DD yikubise ingumu!kuko ivyagashi yaravyanse.nivyo vyamatora tubasaba kwikubita agashi,muvyanse muzokwikubita umutwe.aaaahaaaa.none ivyuyumutama sibimwe abarundi baguma babasaba?mpaka uburayi na Amerika babivuge!!bamworosha ibintu basha,aho muri harabandi baribahari.izongingo zo kwiyahura mufata muzireke.
30 Nyakanga 2014, 14:23, par mace
Ubu nukumwigira uwundi muti ico citso Mbonimpa
1er Gitugutu 2014, 13:18, par bonana christian
Philippe Nzobonariba uri mubi inyuma no k’umutima wawe uri mubi ukagerekaho nokubeshya ngo amahanga nta gitutu yokeje k’u Burundi ibyo byose rero ibyo biteranye uba mubi kurushaho franchement, tu peux bien fermer ta salle gueule ???? ca nous fera des vacances
1er Gitugutu 2014, 19:28, par BUZOCA
karibu muzee,ukuri kwatsinz
1er Gitugutu 2014, 23:18, par Nikobamye
Muzee mbonimpa clvr .komera kumuheto uhagararemagabo izina niryomuntu wariwayongobejwe arko irahagukuye. Bandakuko ntakindi ubarundi bakeneye atari abagabo batagugwa cankengobugurishwe kukuri. Terimberenyabunu ba ndayicebere bagragare bagokwubaka kumarasoyimpahazwa ,ntube mpemuke ndamuke ,
1er Gitugutu 2014, 23:23, par Nikobamye
Muzee mbonimpa clvr .komera kumuheto uhagararemagabo izina niryomuntu wariwayongobejwe arko irahagukuye. Bandakuko ntakindi ubarundi bakeneye atari abagabo batagugwa cankengobugurishwe kukuri. Terimberenyabunu ba ndayicebere bagragare bagokwubaka kumarasoyimpahazwa ,ntube mpemuke ndamuke ,
5 Gitugutu 2014, 18:35, par harerimana
komera mutama,abarundi b’umutima tukuri inyuma.
5 Gitugutu 2014, 20:02, par nkunzimana obed
turakuzi kandi turagukunda.tuguhaye ikaze murugo rwawe bipfujeko wopha ariko vyanse.kora imana nayo izo guhemba