Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michael Essiene ntazokinira umugwi wiwe wa Ghana muri Afirika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Michael Essiene ntazokinira umugwi wiwe wa Ghana muri Afirika (...)

Michael Essiene ntazokinira umugwi wiwe wa Ghana muri Afirika y’epfo

lundi 7 Nzero 2013

Gukinira muri Afirika y’epfo vyibutsa umugwi w’umupira w’amagaru wa Ghana ayo waboneyeyo mu 2010.

Umugwi Black Stars wahushije gato kuba umugwi wa mbere wa Afirika ushikiriye igice gishira ica nyuma c’igikombe c’isi yose.

Ariko warushijwe na Uruguay bateye penaliti inyuma yaho Luis Suarez ahagarikiye umupira n’amaboko imbere y’igoli.

Muri Afirika yepfo, Ghana izosubirayo idafisMichael Essiene yasavye imbabazi kugira ngo akorere cane umugwi wa Real Madrid, n’uwahoze ari kizigenza w’uwo murwi John Mensah.

Umumenyereza Kwesi Appiah, yatowe mu kwa kane mu mwaka uheze haheze imyaka ine ari icegera c’umumenyereza, ntazobura kuremerwa n’ico gihugu gikunda umupira, gishaka gutwara igikombe ca Afrika ubwa mbere kuva mu 1992.

Umukinyi Kwadwo Asamoah akina hagati mu mugwi Juventus azoba ari umwe mu bakinyi bakomeye, akizera ko umugwi uzogerageza gukora ibishoboka ngo ushitse ivyo abanya Ghana babarindiriyeko, mu gutwara ico gikombe ubwa gatanu.

Jonathan Mensah yarafashije mu gikombe c’isi yose c’abari munsi y’imyaka 20 mu 2009.

Ubuto bwiwe bufatanije n’ubumenyi bizofasha muri izo ndwi zitatu z’ihiganwa.

Bafise kandi umusatirizi Asamoah Gyan yatanganje mu gikombe c’isi yose, mu kwinjiza ibitsindo bitatu.

Ghana izohura ubwa mbere na republika iharanira Democrasi ya Kongo i Port Elisabeth, isubire ihure na Mali na Niger mu nkino z’imigwi.

Bahushije kenshi mu mahiganwa yaheze, bakaba bashitse mu gice gishira icanyuma mu mahiganwa atatu aheruka, hariho rero icizere ko ubu ari igihe ciza ca Ghana, ku bwa Asamoah.

Ghana yaronse uburenganzira bwo guhiganirwa igikombe ca Afrika mu gutsinda Malawi 3 ku busa, ibitsindo vyinjijwe na Atsu, Annan na Acquah – ico gihugu c’imiliyoni 25 citeze ko umugwi Black Stars usubira gukina umupira usukuye mu mwaka wa 2013.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.