Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mike Ross ati:” Mana hezagira igihugu c’Uburundi…” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Mike Ross ati:” Mana hezagira igihugu c’Uburundi…”

Mike Ross ati:” Mana hezagira igihugu c’Uburundi…”

lundi 15 Mukakaro 2013

Mu gikorane cabereye ku kibuga c’ishure ryisumbuye rya Nyakabiga, abatari bake baraharonkeye imigisha, na rirya ico gikorane cari citabwe n’abatari bake mu bakozi b’Imana rurangiranwa, abaririmvyi bava mu bihugu bitandukanye ndetse harimwo n’abo mu Burundi. Ico gikorane kikaba cari categuwe n’urunani rw’amashengero Network Nyakabiga.

Muri ico gikorane, hari hatumiwe mwo abavugabutumwa batandukanye bavuye mu bihugu bitandukanye, harimwo umukozi w’Imana Mike Ross ava mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, umuririmvyi UwiringiyimanaTheogene azwi kw’izina rya Bose babireba ava mu gihugu c’Urwanda. Harimwo kandi n’imirwi y’abaririmvyi bo mu Burundi nk’umurwi wa Shemeza Music wa Appolinaire, umurwi wa Fortran Bigirimana n’abandi benshi, abo bose bakaba barafashije mu kuremesha ico gikorane. Abantu bari benshi ku buryo ku kibuga c’umupira vyari bigoye kubona n’aho umuntu yo hagarara kandi bose bakaba baranezerewe, bashima ivyiza vyo kuba mu nzu y’Imana. Ariko rero tukaba twobibutsa ko Rosa Muhando akaba atashoboye kuhashika kuko amagara yiwe atari ameze neza, narirya abatari bake bari bamurindiranye igishika na cane cane ko abatari bake bemeza ko indirimbo ziwe zibubaka.

Mu nyigisho zatanzwe na Mike Ross ari nawe yari umwigisha muri ico gikorane, yagarutse cane ku gutanga ikigongwe iyo hari uwacumuye ku wundi. Umukozi w’Imana akaba yasavye abari ngaho kumenyera gusabana ikigongwe ndetse ivyo bigaheza bikaja mu barundi bose iyo bava bakagera, Afrika yose, n’isi yose. Ikigongwe kirubaka imitima y’abantu nk’uko vyabandanijwe bivurwa n’uwigishije muri ico gikorane Mike Ross.

Mu gusozera, ico gikorane kikaba caranzwe n’amasengesho yo gusengera igihugu c’Uburundi, aho abantu bose basabira igihugu bavuga bati “Mana garukira igihugu cacu c’Uburundi, ugihunde imihezagiro yawe.”


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.