Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu wa mbere akuze kw’isi yahimbaje imyaka 116 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu wa mbere akuze kw’isi yahimbaje imyaka 116

Umuntu wa mbere akuze kw’isi yahimbaje imyaka 116

mercredi 5 Ntwarante 2014

Umuntu wa mbere afise imyaka myinshi kw’isi ni umukecuru wo mu gihugu c’Ubuyapani. Uwo rero uno munsi arahimbaza imyaka 116 y’amavuka. Ejo haheze yagendewe n’umukuru w’igisagara yitwa Takehiro Ogura amuzaniye agashurwe ko kumukeza.

Uwo mukecuru w’imyaka 116, yavutse kw’igenekerezo rya 05 Ntwarante 1898 mu ntara y’uburengero bw’igihugu c’Ubuyapani. Avuka mu muryango w’abadandaza bita "Kimonos" bagwiriye cane cane mu gisagara ca Osaka. Mu nzu yokuruhukiramwo bamushizemwo bamuha n’umuntu amukwirikirana, Misao Okawa avuga ko yumva amerewe neza.

Mu mwaka uheze, uwo mutamakazi yararonkejwe agashimwe k’umugore wa mbere kw’isi afise imyaka myinshi kitwa "Guiness World Records", ivyo biri uko mu gihe hari umurongo ntangaza makuru wo mu gihugu c’Ubuhinwa wemeza ko hari uwundi ageze muzabukuru mu burengero bw’ico gihugu w’imyaka 127.

Umukozi w’uwo Misao Okawa, umutamakazi wa mbere akuze kw’isi amenyeshako uwo mukecuru yongereje n’ibiro ko kandi afungura neza bimwe bita " spaghettis, ragout de viande de boeuf n’ibindi bita sushis na sashimis.

Mwomenyako Misao Okawa yagize ubugeni mu mwaka w’1919, aca avyara abana 3.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.