Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abantu 26 baciriwe igihano c’ukwicwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abantu 26 baciriwe igihano c’ukwicwa

Misiri : Abantu 26 baciriwe igihano c’ukwicwa

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Mu gihugu ca Misiri, abantu 26 baciriwe urubanza rwo kwicwa kubera gushinga umurwi w’iterabwoba, umurwi wo kwica abantu n’ugutera ubwoba, eka ndetse no kunyuruza ubwato baciye mu cambu ca Suez.

Ubucamanza bwagirije abo bagabo kandi kuba bafise ibisasu vya missile n’ibindi birwanisho biturika nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo mu Misiri. Abo bagirizwa baciriwe urubanza rwo gupfa atariho bari, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters. Izo manza ziciwe haciye umunsi umwe umushikiranganji wa mbere mushasha yaraye agenywe Ibrahim Malab, arahiye ko azorwanya iterabwoba mu bice vyose vy’igihugu.

Mahlab yashinzwe kugena Reta nshasha inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza Hazem Belblawi atangiye imihoho mu buryo butari bwitezwe, hamwe na Reta yiwe yose. Belblawi yari yashinzweho mu kwezi kwa Mukakaro mu 2013, inyuma y’aho abasirikare batembagarije ubutegetsi bwa Mhammed yari yugarijwe n’imyiyerekano y’abatamushaka.

Kuva ico gihe abantu barenga 1000 baramaze kwicwa, abandi ibihumbi barafungwa mu bikorwa vy’abahungabanije umutekano, abo nabo bagahashwa kuko basanzwe bari mu mirwi y’intagondwa y’aba Freres Musulmans, umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islam, Mohammed Morsi aturukamwo.

Tukabamenyesha ko intagondwa ziri mu ntara zaSinai zibandanya ibitero kuri Reta n’abajejwe umutekano, bakaba bamaze guhitana ubuzima bw’abantu isinzi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.