Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Igisirikare catanze amasaha 48 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Igisirikare catanze amasaha 48

Misiri: Igisirikare catanze amasaha 48

mardi 2 Mukakaro 2013

Igisirikare ca Misiri cahaye abanyepolitike amasaha 48 ngo babe batoye umuti ku kibazo kiri mu gihugu, canke igisirikare kibijemwo.

Mu butumwa bwaciye kuri television, umukuru w’igisirikare, General Abdel Fattah al-Sisi, yahamagariye imigambwe yose gukurikiza ico yise ugushaka kw’abanyagihugu.
Amamiriyoni y’abanye Misiri bagiye mw’ibarabara ejo kuwa Mungu basaba umukuru w’igihugu Mohammed Morsi gutanga imihoho, mu gihe amaze umwaka umwe ku butegetsi.

Ivyo vyavuzwe n’igisirikare vyakiriwe neza cane n’abari mu myiyerekano mu kibanza ca Tahrir Square.

Abanyamakuru bari i Cairo avuga ko bisa n’ibidashoboka yuko umukuru w’igihugu yoguma ku butegetsi, mu gihe ibivuzwe n’igisirikare kuri benshi bisa n’ugufata ubutegetsi ku nguvu bitanguye.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.