Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Morsi arindiriye ikizova mu rubanza rwo kuwa 21 Ndamukiza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri : Morsi arindiriye ikizova mu rubanza rwo kuwa 21 Ndamukiza

Misiri : Morsi arindiriye ikizova mu rubanza rwo kuwa 21 Ndamukiza

jeudi 8 Nzero 2015

Ingingo ya rumwe mu manza zitatu z’uwahoze arongoye igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yitezwe gusomwa kuwa 21 Ndamukiza uno mwaka, akaba yagirizwa kuba yaratumye kwica abariko bagira imyiyerekano akiri ku butegetsi.

Morsi, umukuru w’igihugu wa mbere yari yatowe mu Misiri umwaka umwe n’inusu inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Hosni Moubarak, yari yakuwe ku butegetsi ku genekerezo rya 3 Mukakaro umwaka w’2013 n’umukuru w’ingabo w’ico gihe General Abdel Fattah al-sissi, nawe akaba yaciye aja ku butegetsi mu kwezi kwa Rusama 2014 abanje gukuraho abo batavuga rumwe nawe bose.

Mohamed Morsi azocirirwa urubanza co kimwe n’izindi ndongozi zo mu mugambwe wiwe nabo kubera uruhara bagize mu rupfu bagize mw’iyicwa ry’abantu cumi bari mu myiyerekano kuwa 5 Kigarama imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu. Tubibutse ko muri Kigarama umwaka w’2013, abayoboke ba Morsi babashize ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba, Reta nshasha ikaba yabagiriza kuba aribo batera ibitero bihitana abapolisi n’abasirikare mu gihugu.


Floxella Karire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.