Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Mohamed Morsi yarasibije urugendo rwiwe mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri : Mohamed Morsi yarasibije urugendo rwiwe mu Bufaransa

Misiri : Mohamed Morsi yarasibije urugendo rwiwe mu Bufaransa

mercredi 30 Nzero 2013

Mohamed Morsi, umukuru w’igihugu ca Misiri yarasibije urugendo rwiwe rwo mu Bufaransa nkuko yari yabiteguye mu mpera z’iyi ndwi.

Imigenderanire hagati y’umukuru w’igihugu ca Misiri hamwe na mugenzi we w’u Bufaransa Francois Hollande ntiyari myiza, nico gituma kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma batazobonana.

Nk’uko Elysee ibimenyesha, umukuru w’igihugu ca Misiri yahisemwo gusivya uwo mubonano i Paris. Yari kwakirwa n’Umushikiranganji ajejwe abavuga ururimi rw’igifaransa Yamina Bengwigwi ku kibuga c’indege kuwa kane agaca abonana na Francois Hollande bukeye. Urugendo rwiwe rwo mu Budagi rwo kuwa gatatu no kuwa kane narwo nyene ruzoba urw’amasaha make cane.

Umukuru w’igihugu ca Misiri ngo yafashe iyo ngingo kuva aho aboneye ko ibintu bitifashe neza mu gihugu ciwe. Igisirikare ca Misiri cari cagabishije ko ibintu mu gihugu bitameze neza bijanye n’ingorane zari zimaze imisi mu gihugu.

Abantu bagera kuri 50 baritavye Imana mu misi y’imigumuko yiyamiriza ubutegetsi yabaye imisi 5 iheze.

Mohamed Morsi ari mu bakuru b’ibihugu bake batashigikiye intwazangabo z’abafaransa muri Mali kuko kubwiwe yabona ko vyagira bitere imigumuko mu gihugu.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.