Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Urubanza rwa Mubarak rugiye gusubirwamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Urubanza rwa Mubarak rugiye gusubirwamwo

Misiri: Urubanza rwa Mubarak rugiye gusubirwamwo

dimanche 13 Nzero 2013

Ubucamanza bwo mu Misiri bwemereye Hosni Mubarak yahoze atwara ico gihugu gusubiramwo urubanza rwiwe. Yagirizwa kuba ataco yakoze mu kubuza urupfu rw’abantu barenga mu majana mu myiyerekano yasaba ko intwaro yiwe ivaho haraheze imyaka ibiri.

Hosni Mubarak yari yanse igihano yari yaciriwe co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose igihe yagirwa n’ico caha mu kwezi kwa gatandatu kwo mu mwaka uheze.

Mu rubanza rwamaze igihe gito,sentare y’i Kayiro yategetse ko urubanza rwa Hosni Mubarak na Habi al-Adly yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati ku ntwaro yiwe rusubirwamwo.

Abashigikiye Hosni Mubarak baciye berekana umunezero babitewe n’ingingo yari ihejeje gufatwa.

Twobamenyeshako abo bagabo bazoguma bapfunzwe mu gihe amatohoza akibandanya mu zindi manza nazo nyene bagirizwamwo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.