Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MRC-Rurenzangemero: Haratowe indongozi z’urwaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MRC-Rurenzangemero: Haratowe indongozi z’urwaruka

MRC-Rurenzangemero: Haratowe indongozi z’urwaruka

mardi 4 Ruheshi 2013

Umugambwe MRC-Rurenzangemero yaratunganije ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi 2013, ikoraniro ryo ku rwego rw’igihugu ry’urwaruka rwo muri uwo mugambwe.

Intumbero y’iryo koraniro ikaba kwari ugutora umukuru n’icegera vy’urwego rw’urwaruka rwo mu mugambwe MRC-Rurenzangemero bita « Abahizi »

Muri ayo matora yari yitabwe n’abaserukira urwaruka rwo mu ntara zose zigize igihugu c’uburundi, Eric Nkenguburundi niwe yizewe mu kibanza c’uwutwara urwaruka ku rwego rw’igihugu, icegera ciwe akaba ari Jean Pierre Nshimirimana.

Mu vyafatirwako kugira uwitoza aje mu bibanza vyo guhiganwa, basaba ko boba bamaze n’imiburiburi imyaka itatu muri uwo mugambwe. Abari ngaho bakaba barakeje abahejeje kwizerwa.

Eric Nkenguburundi, umukuru mushasha w’ « abahizi » yarakengurukiye abamwizeye, asaba urwaruka rwo muri MRC-Rurenzangemero gukurikiza akarangamutima k’umugambwe, mu gushira imbere ibikorwa vy’iterambere.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’umugambwe MRC-Rurenzangemero ku rwego rw’igihugu, Epitace Bayagabakandi yahamagariye urwaruka rwo muri uwo mugambwe kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015 hamwe no kwijukira amashure kugira bashobore guhiganwa n’abandi mu buzi.

JPEG - 8 ko
Umukuru w’umugambwe MRC-Rurenzangemero ku rwego rw’igihugu, Epitace Bayagabakandi

Yarangije yibutsa urwo rwaruka ko umugambwe MRC-Rurenzangemero ushira imbere ibikorwo, aboneraho n’akaryo ko kubasaba kwijukira gukorera mu mashirahamwe babashe kwiteza imbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.