Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD : Inyigisho ku rwaruka uko rwokwifata mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Inyigisho ku rwaruka uko rwokwifata mu matora

MSD : Inyigisho ku rwaruka uko rwokwifata mu matora

lundi 8 Nyakanga 2014

Inyigisho z’uko bokwifata mu gihe c’amatora, n’izo zahawe urwaruka rw’imurikirakuri z’umugambwe MSD, aho bari batumiye Pacifique Nininahazwe umukuru w ‘ishirahamwe FOCODE.

Evrard Dukundane umukuru w’urwaruka rw’umugambwe MSD mu gisagara ca Bujumbura akaba ashima izo nyigisho ku rwaruka rw’umugambwe wabo. Avuga ko zizofasha mu gihe Uburundi buriko buritegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Mu gihe vyama vyavuzwe ko urwaruka ruhurikiye mu migambwe rukunda gusotorana mu gihe rudahuje ivyiyumviro, Evrard Dukundane avuga ko uwuzobasotora wese bazomushengeza imbere y’ubutungane,maze ubwo nabwo buheze bubatunganirize. Avunira akagohe yaba urwaruka rwo mu runani MSD ndetse n’Imbonerakure za CNDD FDD zidasigaye inyuma, kwubahirizanya mu vyiyumviro vyabo, ntihaje imbere ingimba.

Muri urwo ruganda, imurikirakuri zikaba zasabwe ko ivyo bikorwa bitoba impfagusa kuko vyariko biraba no mu gihugu cose, bigishwa uko bokwifata mu matora. N’aho muri uyo mugambwe bavuga ko hari intambamyi nyinshi, imitego myinshi baguma baterwa muri iki gihe c’amatora, baremeza ko bitazobavuna umutima, bakavuga ko biteguriye kuja mu matora, ari naco gituma urwaruka rwabo rwokwigishwa hakiri kare inyifato rwofata.

JPEG - 1.7 Mo
Evrard Dukundane arongoye urwaruka rwa MSD mu gisagara ca Bujumbura

Ariko abo banywanyi ba MSD bakabandanya gusaba ko itotezwa bagirirwa n’abajejwe intwaro bafatanije n’Imbonerakure za CNDD FDD vyohagarara. Urwaruka rwo muri uyo mugambwe cane cane mu gihugu hagati, rukavuga ko arirwo rubangamiwe cane, aho bamwe batakirara mu mihana iwabo, abandi nabo bakaba bacungishwa akajisho. Aha tukabibutsa ko hari umunywanyi wa MSD akora mu ntara ya Ngozi Georges Havyarimana n’ubu abiwe bavuga ko yoba ariko araronderwa none yataye arahunga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ubu rero Pacific niwe yasigaraniy umugambwe SINDUHIJE?Kwasigaye ahamagaz inama ya MSD nogatangaye abandi yokwitaho atarabo nyene bakorana..

  • Erega kuba barikumwe munama sibibi kandi naho yoyihamagaza sibibi igikuru nukumenya intumbero yiwe niyo nama .none kwabandi batamwemera yagiranye  inama nabamwemera.ahubwo igihugu cacu tworonka abantu bafise ubuntu nka pacifique na mbonimpa bwokogoroka kakandi bwotera imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.