Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu Bufaransa: Umugabo yiyahuye ari imbere y’abanyeshure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mu Bufaransa: Umugabo yiyahuye ari imbere y’abanyeshure

Mu Bufaransa: Umugabo yiyahuye ari imbere y’abanyeshure

jeudi 16 Rusama 2013

Mu gihugu c’ubufaransa, igisagara ca Paris, umugabo umwe yiyahuye ari mw’ishure ry’intango, imbere y’abana.

Hari mu masaha ya satanu n’iminota mirongo itatu n’itanu z’umusase aho umugabo umwe w’imyaka igera kuri mirongo itandatu yinjiye mw’isomero ry’intango ryo kwimenyereza ry’i Rochefoucault, riri kw’ibarabara rya Cler i Paris, biboneka mu maso ko ata ngorane n’imwe yari afise.

Uwo mugabo rero yarasanzwe ata mirimo afise kuri iryo somero, yiyahuye akoresheje inkoho imbere y’umusaza umwe n’abana bagera kw’icumi bariko bagenda berekeza mu buriro. Abo bana baciye bagerageza kwitabwaho vyihuta, bongera kandi basuzuma amagara y’abasaza basanzwe bigisha kuri iryo somero hamwe n’abavyeyi bari baje gutora abana babo aho nyene.

Umuyobozi mukuru, ari nawe yari yahishikiye, yamenyesheje ko bagiye gutangura amatohoza.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.