Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu Burundi agateka k’abarwayi kifashe gute - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mu Burundi agateka k’abarwayi kifashe gute

Mu Burundi agateka k’abarwayi kifashe gute

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe ‘’ABDDM-Ubuzima ni katihabwa’’ riharanira agateka k’abagwayi rimenyesha ko abagwayi batitabwaho ku rugero rushimishije. Ngo hari n’abitaba Imana kubera kubura umuganga canke kubera urwangara.

Abarwayi bari mu bitaro bitandukanye cokimwe n’ababarwaje bamenyesha ko hari igihe abaganga batabitaho cane. Hari abavuga ko Babura amafaranga yo kuriha ibitaro hanyuma bagaca bafungirwayo kandi barakize. Abandi nabo ngo ntibavurwa naho baba baremvye kuko bataronse amafaranga yo kuriha imbere y’uko binjira ibitaro, ayo bita Frais de caution.

Hari abandi bamenyesha ko abaforoma batabitaho kubera ingorane abo baforoma baba bfise mu miryango yabo. Ikitibagiwe ni amayegereyegere y’urutavanako yama aba mu gisata c’ubuganga bigatuma abarwayi bahasinzikarira abandi bakahasiga ubuzima.

Ivyo vyose ngo ni ibisinzikaza canke bigahungabanya agateka k’abo kandi ubuzima ari katihabwa, amagara nayo ari amazi aseseka ntibayore. Bagarasaba ubushikiranganji ko bwoja burakurikiranira hagufi ingene abarwayi bafashwe mu bitaro.

Ivyo vyose bakaba babishikirije mugihe italike 11 ukwezi kwa Ruhuhuma uko umwaka utashe ari umunsi wahariwe umurwayi.

Ishirahamwe ‘’ABDDM-Ubuzima ni katihabwa’’ riharanira agateka k’abarwaye rimenyesha ka bibabaje kubona ibitaro vyitaho kurondera amafaranga gusa aho kwitaho cane cane ineza y’abarwayi.

Moise Ntiburuburyp arongoye ABDDM asaba Reta cane cane ubushikirangani bw’amagara y’abantu guhindura ibintu maze ntihagire umurwayi asubira kwidogera abaganga. Inyifato y’abaganga ngo yategerezwa kuba iy’akarorero imbere y’umurwayi.

Asaba kandi ko Reta yoja iragarageza ikumviriza ingorane z’abaforoma zigatorerwa umuti akazi katabanje guhararikwa kuko ari amagara y’abantu ahasinzikarira.

kw’ifoto:Moise Ntiburuburyo arongoye ABDDM


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.