Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Ntituzosubira kubaza na Edouard Nduwimana ibiraba umugambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA : Ntituzosubira kubaza na Edouard Nduwimana ibiraba umugambwe (...)

UPRONA : Ntituzosubira kubaza na Edouard Nduwimana ibiraba umugambwe wacu

dimanche 11 Nzero 2015

Mu gihe uruhande rumwe rwa UPRONA rwariko rwemeza inzego zirurongoye rurikumwe n’abagize komite nkuru y’uwo mugambwe yatowe n’abadasigana mu mwaka w’2009, urundi ruhande rwariko rwipfurizanya umwaka mwiza.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’Abadasigana ba UPRONA uruhande rw’umushingamateka Karori Nditije, bakaba basiguye ko komite nkuru itazosubira kuvugana na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibibazo vy’umugambwe UPRONA, mu gihe yanse gushira mu ngiro imanza zose zaciwe na za sentare zitandukanye yaba ntahinyuzwa y’i Burundi canke sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko.

Muri iyo nama nkuru y’umugambwe yari yitabwe n’abanyacubahiro batandukanye bigeze kuramutswa ibibanza bikomeye mu ma Reta atandukanye, co kimwe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka b’uyo mugambwe, abari muri iyo komite nkuru bakaba basubiye kwemeza ko baziyunga n’imigambwe itandukanye yose yipfuza ko ibintu bihinduka. Abo bagize iyo komite nkuru ya UPRONA, bakavuga ko amatora yimirije kandi ko ibiringo bibiri vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza buca birangira.

Mukamenya ko mu gihe urwo ruhande rw’umushingamateka Karori Nditije rwariko ruragira iyo nama, uruhande rwa Concilie Nibigira narwo rwariko ruripfurizanya umwaka mwiza, aho mbere abo muri uyo mugambwe ishami ryemewe na Reta, bavuze ko bataziyunga n’umuntu n’umwe naho bagirizwa ko bari mu kwaha kwa CNDD FDD. Concilie Nibigira akavuga ko ku wa 9 Ruhuhuma bafise irindi koraniro rukokoma, aho bazerekana uwuzoba serukira mu kwitoza mu mibanza c’umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ooooohhh, Nduwimana nta gipolisi yarungitse gushwiragiza abo kwa Nditije? Birahaye biraza, ariko nibaza ko vyavuye kuri gasopo yatanzwe na SAMANTHA POWER. Kandi amatwi ansumira ngo upd ivyo kwiyunga isa niyabirangije,je commence a pressentir un changement dont les burundais ont tant besoin. Ikindi tutokwiyobagiza nijambo rya mgr NTAMWANA. Iryo jambo ryaririsobanutse kuri bamwe basigura ibwirizwa nshingiro uko bigombeye.Mukurangiza nsavye abarundi ko boja hamwe tugahindura ibintu mugihugu cacu kuko atagihindutse hari abantu bashobora kuba abaja babandi murakoze

  • Izo ni ingaruka uprona yamaze icura bufuni na buhora bene barundi

  • MBEGA UPRONA KO YARI YANSE AMATORA YA 2010 IKISUBIRAKO NGO IGIYE KURYA NTIRIZI INGENE ABA DD BAMEZE???NUKO BIFATA ABATABIKOZE GUSA>>>????MUMBABARIRE NUBU SINDAYIZERA .DR JEAN MINANI NA RWASA MURAGABE...ABA PPORONA NTA MUGAMBI NI INYUNGU GUSAAA....

  • - Edouard NDUWIMNA nukumwihoza kuko ntakindi asigaje ariko aratera igere ryanyuma be na sebuja yamushizeho
    - Ibiringo vy’umukuru w’igihugu buca birangira kandi ntamuntu numwe amushigikiye namakungu yose yamaze kumukurako amaboko ndabe izo mbonerakure yahaye inkoho iyo azozishira
    - Mbe yibaza ko ashobora gutsinda ingwano yabarundi bose , abarundi ntibashobora kwemera kuba abaja ba FDD CNDD, ntibikunda
    - Peter naheze neza agende kuko mbona nabandi bahaciye bose ataco babaye, akarorero narabe BUYOYA aho ageze ubu kuko yemeye akagenda kuneza atanduru inyuma yiwe.
    - Iminsi yigisuma iraharuye

  • Ikintangaza si ivyo Sindimwo na Concilia bagira, mais ni ukubona umuntu nka Anicet Niyongabo aherekeza ces desespérés dans un gouffre evident. Anicet— six mois de salaire, tu peux t,en passer pour sauver ton honneur. Sinon, j,ai peur pour toi, cher ami. On te traitera comme on traitera Nduwimana. Allez, sautez de ce navire avant qu,il ne sombre et on oubliera.

  • Igihe cose uprona yarongowe nabahutu hama hatunganywa akajagri gusa mumuambwe.agateka rero aho kamye

  • Emanga bucumi,nta Nditije ari umuhutu!nimba ari umuhutu mukigamba!

  • wewe didier try to speek engrish only because ihat to hear your france man, wovugamundimi wokomamashi wogenza amaboko namaguru iprona ntitwongera kubatora imyaka mwadutwaye iramaze ivyomutatumariye mugomba kubitumarira ubu janiyo nibifaransa vyanyu bishaje vyikibirigi wekirungurira ubuhaharawe izindindimi.

  • Mwese muri ibirungurira musigaye kuvuza amagati no kudahwa,nagira ngo mwokoresha imvugo yo guhuza bene Bndi none imvugo zanyu nizo gutyozanya no gushira amoko imbere,ese ntimuzi aho ivyamoko vyatugejeje naho bidusize ?nico vyadusigiye?Sigeho kugarukana ivya moko nababikoresheje barageze aho bicuza ico babigiriye.Sigaho.

  • Ewe bazombanza ndakwemera ubukunzi bwinda bwawe!!mais wari wisonzeye sha!! Ugira urabuwe urupngu uhakuye!! arakin ndugu yangu bayibayi!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.